Mwige gusoma Ijambo ry’Imana no kuritahura.
Iyo usomye muri Bibiliya inkuru z’agakiza, cane cane mw’Isezerano rishasha usangayo intahe zikomeye :Zakayo asubiza ivyo yanyaze abantu akabiriha incuro kane (Luka 19:8),Yesu ariko abwira Nikodemu ivyo kuvuka ubwa kabiri ,amubwira ko gukizwa ari ukuza mu muco (Yohana 3:21),Yesu ahejeje guharira umugore yafashwe asambana amubwira ati « genda ntugasubire gukora ivyaha » (Yohana 8:11),Yesu ariko aca umugani […]