Abasuma batatu baturuka mu Burundi bariciwe muri Tanzania

Kuwa gatandatu uheze abantu batatu bitwaje imbunda biciwe muri Tanzania mu ntara ya Kigoma hafi y’umupaka n’u Burundi, umukuru w’igipolisi avuga ko ari abasuma bari bavuye mu Burundi. Abategetsi b’u Burundi ntaco baratangaza kuri aya makuru. Martin Ottieno, umukuru w’igipolisi muri iyo ntara yabwiye BBC ko vyabereye ku mutumba wa Mukarazi mu karere ka Kibondo […]