Kuwa gatandatu uheze abantu batatu bitwaje imbunda biciwe muri Tanzania mu ntara ya Kigoma hafi y’umupaka n’u Burundi, umukuru w’igipolisi avuga ko ari abasuma bari bavuye mu Burundi.
Abategetsi b’u Burundi ntaco baratangaza kuri aya makuru.
Martin Ottieno, umukuru w’igipolisi muri iyo ntara yabwiye BBC ko vyabereye ku mutumba wa Mukarazi mu karere ka Kibondo hafi y’umupaka w’u Burundi aho aba bantu bari bahejeje kwiba.
Bwana Ottieno avuga ko abasuma batatu bategereye umukenyezi w’umutanzaniya yari agiye kw’isoko rihuza Abarundi n’Abatanzania, bamunyaga amahera angana n’amashilingi ibihumbi amajana abiri.
Avuga ko aba bantu igipolisi caciye kibakurikirana kiranatangiriza ku ruhande rw’Uburundi.
Ati: « Bamaze kumenya ko turiko turabakurikirana, ku ruhande rw’Uburundi naho bakaba bari batangiriye, baciye batangura kurasa ».
Bwana Ottieno avuga ko abo basuma bose bishwe, igipolisi congera gifata inkoho imwe ya kalachnikov, amasasu 57 n’ibikono vyayo bibiri.
Yemeza ko aba bantu baturuka mu bice vya Gisuru, Kinyinya na Kayogoro mu Burundi.
Ahabereye ibi ni mu gace kari hafi y’ikambi y’impunzi z’abarundi ya Nduta muri ako karere ka Kibondo muri Tanzania.
Iyi nkambi kuwa gatanu w’indwi iheze yabayemwo igitero n’abitwaje ibirwanisho. Bwana Ottieno avuga ko ivy’aba basuma ata sano bifitaniye n’ico gitero giherutse kw’ikambi y’impuzi z’abarundi.
Ishami ry’umuryango mpuzamahanga wita ku mpunzi riraheruka gutangaza ko inkambi za Nduta na Mtendeli zikomeza guterwa n’abantu bitwaje ibirwanisho bavuga ikirundi.
Bwana Ottieno agabisha uw’ari we wese afise umugambi w’uguhungabanya umutekano muri Tanzania ko batazomwihanganira.