Nkuko abatari bake babizi, UBurundi ni igihugu kidasanzwe kuko gifise amasezerano n’Imana. Ariko naho biri uko, Abarundi nabo n’abantu batagonda izosi. Buzuye ubwibone, ububisha, ishari n’inzigo bibatera kwicana kuva igihugu kicikukira, kwirema ibice vy’amoko n’ibindi hamwe no kugwanyana.
Imana nayo kuruhande rwayo ntiyicaye. Ikomeza kuvugana n’abatari bake yuko bategerezwa kwihana, guhinduka mu mutima no ku mubiri kugira ngo bayikorere muguhindura abandi.
Kamwe mu turorero twinshi ni intahe y’uyu mu vyeyi mushobora gukurikirana kuri Radio Isezerano Internationale.