Abategetsi ba Sudani bemera ko mu myiyerekano hishwe abantu 46
Ubutegetsi bwa Sudani burahakana amakuru avuga ko abantu bashika 100 bishwe n’umurwi wa gisirikare mu myiyerekano, bukemera abatarenga 46. Ishirahamwe ry’abaganga ryegamiye abatavuga rumwe n’ubutegetsi ryamenyesheje ejo ku wa gatatu ko abantu bashika 100 ari bo bamaze kwicwa ku mugwa mukuru Khartoum, mu gihe c’imyiyerekano y’ukwiyamiriza ubutegetsi. Komite nyobozi y’iryo shirahamwe ry’abaganga yamenyesheje ko ibiziga […]