Abategetsi ba Sudani bemera ko mu myiyerekano hishwe abantu 46

Ubutegetsi bwa Sudani burahakana amakuru avuga ko abantu bashika 100 bishwe n’umurwi wa gisirikare mu myiyerekano, bukemera abatarenga 46.

Ishirahamwe ry’abaganga ryegamiye abatavuga rumwe n’ubutegetsi ryamenyesheje ejo ku wa gatatu ko abantu bashika 100 ari bo bamaze kwicwa ku mugwa mukuru Khartoum, mu gihe c’imyiyerekano y’ukwiyamiriza ubutegetsi.

Komite nyobozi y’iryo shirahamwe ry’abaganga yamenyesheje ko ibiziga 40 vyatowe mu ruzi Nil i Khartoum ku wa kabiri.

Umwe mu barongoye iryo shirahamwe yabwiye BBC ko biboneye kandi bakigaragurira ibiziga mu mavuriro, akavuga ko igitigiri c’abahasize ubuzima ubu gishika abantu 100.

Avuga ati: « Bwari ubwicanyi bw’agahomerabunwa ».

Uwahoze mu ngabo zicungera umutekano yabwiye umumenyeshamakuru Yousra Elbagir wa televiziyo Channel 4 yo mu Bwongereza ko bamwe mu batawe mu ruzi Nil bari bakubiswe canke barashwe, abandi nabo batemaguwe n’imipanga.

Mu ntango, abategetsi ntaco bari bashimye gushikiriza, ariko umutegetsi wo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu yemeje mu gitondo c’uno munsi ko abantu 46 ari bo bishwe.

Igice kinini c’umugwa mukuru Khartoum carugarijwe n’abajejwe umutekano inyuma y’ubwo bwicanyi. 

Ababibonye babwiye BBC ko abari mu myiyerekano bahungiye mu ma karitiye, aho bariko bazibira amabarabara baturira n’amapine.

Umwe mu baba aho i Khartoum atashatse ko izina ryiwe rimenyekana avuga ati: « Dushitse aho tudashobora no kuva mu nzu kubera dutinya gukubitwa canke tukaraswa n’abajejwe umutekano ».

Abanyagihugu bo ku mugwa mukuru babwiye BBC ko batekewe n’ubwoba.

Umukenyezi azwi kw’izina rya Sulaima yabwiye BBC ati:  » Bazingurije amakaritiye, batera ubwoba abanyagihugu, kandi barasa. Nta mutekano twumva dufise kandi ntitwizeye inzego ziwujejwe. Ni urudubi ».

Ejo ku wa gatatu, icegera c’umukuru w’inama ya gisirikare irongoye igihugu, Mohammed Hamadan – azwi kw’izina rya Hemedti – yavuze ko vyabaye ngombwa ko bakoresha inguvu.

Avuga ko abari mu myiyerekano binjiranywe n’inkozi z’ikibi n’abandi bagurisha ibiyayuramutwe.

Avuga ati: « Ntidushobora kwihanganira imigumuko. Nta kundi. Dutegerezwa kwubahiriza amategeko mu gihugu ».

Inama ya gisirikare « yiteguye gusubira kuganira ata nzitizi »

Umwe mu bavuzi yavuganye na BBC ari i Khartoum, avuga ko abagize umurwi witwara gisirikare wegamiye inzego z’umutekano bategetse ko amavuriro yugarwa kugira ngo ntihagire abasivire baja kwivurizayo.

Yavuze ati: « Batwirukanye mu bitaro aho twariko turavura abakomeretse. Ni itegeko ryatanzwe n’inama ya gisirikare ko amavuriro yugarwa kubera yariko afasha abanyagihugu ».

Abari mu myiyerekano bamaze igihe bugarije ibiro bikuru vya gisirikare mu gihe hari hamaze iminsi hari ibiganiro hagati y’inama ya gisirikare n’abarongoye iyo myiyerekano. 

Impande zompi zari zimaze kwumvikana ku ntwaro mfatakibanza yomara imyaka itatu, ariko ku munsi wa mbere, Abdel Fattah al-Burhan akuriye iyo nama yarahagaritse ayo masezerano bari bamaze gushikako. 

Ariko ku munsi wa gatatu, Jenerali Burhan yatangaje ko inama ya gisirikare yari « yiteguye gusubira kuganira ata nzitizi ishizeho ».

Ako kamo kariyamirijwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, bavuga ko badashobora kwicarana n’abo bita abicanyi.

Amjad Farid umuvugizi w »ishirahamwe ry’abakozi avuga ati: « Abanyagihugu ba Sudani ntibashobora kuganira n’iyo nama ya gisirikare yica abanyagihugu ». 

Dukeneye ko abagirizwa ubwicanyi bamenyekana bagashirwa imbere y’ubucamanza imbere y’ibiganiro ivyo ari vyo vyose vya politike ».

Gushika ubu, igihugu ca Sudani kirongowe n’inama ya gisirikare kuva uwahoze akirongoye, Omar al-Bashir, akuwe ku butegetsi n’igisirikare yari amazeko imyaka 30, inyuma y’imyiyerekano yari imaze igihe imwiyamiriza.

Publicités