Leta y’uBurundi yashize mu ngiro ibwirizwa ryo kunyaga urukombamazi abagirizwa kugira uruhare mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa President Petero Nkurunziza
Amakete yereka ifatwa ry’amazu y’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 yashizwe ahabona. Nkuko bisomeka kuri ayo makete ishigwa mu ngiro y’iyo ngingo yatumye havurwa vyinshi. Bamwe bati iyo ngingo ni nziza ije guhasha no kwihanikiriza ububisha bwo kwama hariho abashaka kwihagira ubutegetsi ku gikenye nkuko vyamye bigirwa mu gihugu cacu. Michel Micombero yarabikoze, […]