Leta y’uBurundi yashize mu ngiro ibwirizwa ryo kunyaga urukombamazi abagirizwa kugira uruhare mu gushaka gutembagaza ubutegetsi bwa President Petero Nkurunziza

Amakete yereka ifatwa ry’amazu y’abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka wa 2015 yashizwe ahabona.

Nkuko bisomeka kuri ayo makete ishigwa mu ngiro y’iyo ngingo yatumye havurwa vyinshi. Bamwe bati iyo ngingo ni nziza ije guhasha no kwihanikiriza ububisha bwo kwama hariho abashaka kwihagira ubutegetsi ku gikenye nkuko vyamye bigirwa mu gihugu cacu. Michel Micombero yarabikoze, Yohani Batisita Bagaza arabikora, Petero Buyoya abikora kabiri hanyu Godefroid Niyombare nabagenzi biwe barabiherageza ntivyabakundira.

Hari abandi babona muri iyo ngingo gusubira inyuma nk’ibirenge mu ntwaro y’igihugu cacu. Kuko bi bibutsa ibara Micheli Micombero yakoze mu mwaka wa 1972 aho yishe ibihumbi n’ibihumbagiza vy’abantu agatako akabanyaga ivyo batunze gutyo impfuvyi n’abapfakazi bakangazwa batagira gutabara ngo  » umwana w’umumenja niwe mu menja  »

None inyuma y’imyaka yababa 50 biraboneka yuko Abarundi bataratunganya neza amategeko yabo kuburyo akingira ingo n’imiryango. Ejo rwari urwanko rw’ubwoko, uyu munsi naho ni ukwihorahorana kuvyo abafise ivyo basangiye n’ivyo bapfa.

Ivyarivyo vyose, ndarivuge nitambukire, ingingo nkizo ntiziza guturuza icuka kibi mu bantu ziza zihuhura ivyahuha. Kuko baba abazifata , baba n’abazifatigwa bose ni abana n’Uburundi.

Ingingo nkiyo ntibuza uwogomba guhindura ibintu ahubwo ituma abazotegura kugira ibintu nkivyo bazobikorana ukwitanga, ukwiheba no gukoresha ububisha.

Mu Burundi harakwiriye ivugurugwa , umuvyuro n’Ikanguro muvyo imibano, ubutungane, ubutunzi, n’ivyo impwemu.

Publicités