Benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura

Daniyeli 12: 2 Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumaramare n’ibiteterwa bitazoshira. 4 Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubwenge buzogwira. 9 Aranyishura, at’ Igire, Daniyeli; […]