IVYO MWOKWITEGURIRA MU MINSI YA VUBA KUBIJANYE N'IKIZA CORONAVIRUS
UKO UMUGERA WA CORONA VIRUS UTEYE UYU MUNSI KUWA 20/03/2020Igihugu cacu c’Uburundi gikikijwe n’ibihugu bimaze kumenya yuko harimwo abafashwe n’uyu mugera ugisibije arivyo Congo, Tanzaniya n’Urwanda. Nkuko mu bibona kw’ikarata y’uyu munsi, hamaze kumenyekana yuko abantu 272, 726 aribo bamaze kwandura uwo mugera kw’isi. Abo ni abamaze gupimwa gusa. Hariho amasinzi y’abantu bataramenyekana kuko batarapimwa. […]