
UKO UMUGERA WA CORONA VIRUS UTEYE UYU MUNSI KUWA 20/03/2020Igihugu cacu c’Uburundi gikikijwe n’ibihugu bimaze kumenya yuko harimwo abafashwe n’uyu mugera ugisibije arivyo Congo, Tanzaniya n’Urwanda. Nkuko mu bibona kw’ikarata y’uyu munsi, hamaze kumenyekana yuko abantu 272, 726 aribo bamaze kwandura uwo mugera kw’isi. Abo ni abamaze gupimwa gusa. Hariho amasinzi y’abantu bataramenyekana kuko batarapimwa. Muri abo bamenyekanye, 9.870 baramaze gupfa nayo 85. 676 baratoye mitende kubera ivyo bihugu vyafashwe imbere bifise ubuhinga bgo gupima iyo ngwara, bikagira imiti yo kuvura ibimenyetso vyayo, ibitaro biteye imbere, abaganganga babinonosoye kandi bakwiye.IVYO ABO MW’IHANGA RY’IMANA BAKWIRIYE KWITEGURIRAMu kwiyeza, kwitunganya no gusenga, kubera ibihe isi iriko iracamwo, umurundi wese n’umunyamahanga, abana n’abavyeyi, ab-Kristo n’abatari aba-Kristo, bose bokwitega ibi bikurikira: 1-Amashure yose kwugarwa: Mato, ayimyuga, ayisumbuye na kaminuza. 2- Amadini yose kudasubira gusenga: Imisigiti n’amasengero kwugagwa. 3- Imyiyerekano n’imiyamamazo y’imigambge guhagarikwa. 4- Iyugarwa ry’imbibe zigihugu: Ku butaka, mu mazi, mu kirere no kutaja mu turere twanduye.5- Imanza zitegura ubugeni n’imanza z’ubugeni zikoranya abantu benshi guhagarikwa. 6- Imanza z’ibigandaro n’izo gushingura abapfuye, gukorwa n’abantu bake bo mu muryango ushika kandi wabuze gusa. 7- Amasoko makurumakuru aremwa n’abantu benshi kwugagwa, hagasumirwa mu tuguriro dutoduto. 8- Kutava munzu kiretse bikenewe cane no kudakoresha imiduga yunguruza ingenzi. 9- Ibirabo, uburiro bga benshi, ubunywero busanzwe, ibiteramo, amarabiro y’amareresi guhagarikwa.10- Ubgogero bga bose, kwicara ku kiyaga, guteramira kw’ibarabara n’ibikogwa vy’ikibiri guhagarikwa.Izo ngingo naho leta itozifata ubusharire bg’ikiza c’ingwara coco cobikora. Rero twese twibuke kuzitira tutaronerwa kuko burya imyenge y’inzu imwnywa na mweneyo. Ababishoboye bashike ku barwayi, bapfunzwe, impfuvyi n’abapfakazi kandi babafashe kwitgurira ibihe nkivyoTUBUKANYE YUKO AR’IVYINGENZI1. Kudakorana kutayambirana no kudakorana mu ntoke mu kuramukanya.2. Kwama ukaranba umwanya wose amazi y’akazuyazi n’agasabune.3. Kutikora ku munwa, ku zuru no kumaso4. Gukingira cane utuyoya, abavyeyi bibungenze, abageze mu zabukuru n’abasanganywe ubumuga mu mubiri.Amahoro y’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo abane namwe mwese!1 ABITESALONIKE 5:16-18