
IBIMENYETSO UKO BIKURIKIRANA KU MUNSU KU MUNSI IYO WANDUYE COVID-19
Umunsi wa 1 gushika kuwa 3
- Ibimenyetso vy’uwufise giripe isanzwe
- Kubabara buke buke mu muhogo
- Nta muriro, nta no gucika inkokora, umuntu ashobora gufungura.
Umunsi ugira 4
- Ku babara mu muhogo no kwumva umeze nabi mu mubiri
- Ijwi risaraye
- Ubushuhe (umuriro wa 30.5 C)
- Kubura akayabagu mu gufungura
- Kumeneka umutwe bukebuke no gucibgamwo bukebuke.
Umunsi ugira 5
- Kubabara mu muhogo no gusarara
- Ubushuhe (umuriro uri hagati ya 36.5 na 36.7C)
- Gucika inkokora, kubabara mu ngingo n’ubu babare bg’umubiri.
Umunsi ugira 6
- Kwumva inyonko (umuriro 37C) no gukorora cane
- Kubabara mu muhogo uvuze ijambo, umize amate canke imfungurwa.
- Kwumva urushe kandi ushaka kuryama
- Guhemagurika no guhezera, Kubabara ku ntoke
- Gucibgamwo no kudahwa
Umunsi ugira 7
- Kwumva inyonko nyinshi (ubushuhe 37.4C-37.8C)
- Inkorora nyinshi ifise ibikorogwa.
- Kubabara umutwe no ku mubiri.
- Gucibgamwo cane no kudahwa.
Umunsi ugira 8
- Inyonko (Umuriro 38C no kuduga)
- Kubabara uhemye no kubabara mu amahaha.
- Gukorora, kubabara umutwe n’umubiri wose
Umunsi ugira 9
- Ibimenyetso vyose twavuze bitera biba nabi.
- Inyonko iraduga, inkorora ikaba nyinshi ukababara uhemye.
Haba harageze gupimwa amaraso no guca mw’iradio (imishwarara X) kugira ngo uvurwe neza
IVYITONDEGWA: Mwirinde ibihuha vy’imburakimazi, mwumvire impanuro z’abaganga n’abaganza.