Nk’uko Uhoraho Imana yacu yatumiriye abizera bose gusenga iminsi itatu amagenekerezo ya 10, 11 na 12 z’uku kwezi twisonzesheje, amasengesho tugira tuyatabgure muri Australia na Aziya, hanyuma Afrika na Bulaya hace hakurikirako Amerika, Canada na Amerika Latine uko izuba rigenda rirareka ku mubumbe w’isi. Muribuka yuko urutonde twahawe ari ugusenga twezwa tukavugutirwa, ugusenga tubohoza ababoshwe hanyuma tukaboha inkomezi z’umwijima, no guhwekera imbere y’Imana tugasigwa amavuta y’ijuru. Mwibutse abantu bose yuko ya masengesho ahambaye yageze.
UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KW’IGENEREZO RYA 10, 11NA12/03/22
Hanga Ryera ry’Imana aho muri hose k’umubumbe w’iy’isi tubayeko, murazi yuko Uhoraho Imana yadutoranije ngo tube Ihanga Ryera ryiwe yiharije nkuko yari yarirobanuriye Ihanga rya Isirayeli igihe yaha ABURAHAMU isezerano, sogokuruza bacu mu kwizera; igihe yahindurira YAKOBO Izina akamwita ISIRAYELI. Uhoraho Imana yaratwirobanuriye ngo tumubere Ihanga ryiwe kubgo urukundo n’imbabazi ziwe, aduha isezerano ry’intahava aturongoza Mpwemu wiwe ijoro n’umurango ari nawe yamana natwe muri uru rugendo rwo kwizera turimwo. Twatewe iteka kuba abaraganwa na Krito Yesu, twatewe iteka kuba abatoranirijwe gutwara umuvyuro n’ikanguro mu gihugu no kw’isi yose. Twatewe iteka kuba Ihanga Ryera ry’Imana, inyegu yiharije kandi twari inkengerwa mu yandi mahanga. Ubu rero harageze yuko duhaguruka tukegera Uhoraho Imana yacu ku buryo budasanzwe kanatsinda niwe yaduhamagaye adutumirira aya masengesho yo kwitanga guhera kw’igenekerezo rya 10 gushika kw’igenekerezo rya 12/03/2022. Nkuko aya masengesho adasanzwe, twahawe urufatiro n’urutonde rwayo bidasanzwe. Ababishoboye bose bazokwirinda kunywa no kurya iyo minsi itatu yose, abanda bazohora banywa kandi bafungura mw’ijoro gusa. URUFATIRO Nkuko twabimenyeshejwe n’ijuru nta kindi kitujanye muri aya masengesho yo kumara iminsi itatu twisonzesheje turi imbere y’Uhoraho Imana Isumba Vyose atari ukugira ngo TWEZWE GOSE [2 Timoteyo 2: 19-21] kandi DUHWEKERA IMBERE Y’IMANA [Ab’I Filipi 4:6-8, Abikolosayi 3:12-17]. Ibisigaye ni amabanga yayo. URUTONDE
Umunsi wa mbere w’aya masengesho, igenekerezo rya 10/03/2022 uzoba ari umunsi wo kwezwa gose. Umuntu wese ku giti ciwe n’aho azoba ari hose, azokwishira ku munzane, yirimbure kandi areke Mpwemu w’Imana amusuzume mu mpwemu, mu mubiri no muri kamere kiwe aheze agorore ibihoramye, atunganye kandi atunganire Uhoraho Imana n’abantu kugira ngo avugutizwe yezwe gose.
Umunsi ugura kabiri w’aya masengesho, igenekerezo rya 11/03/ 2022 uzoba ari umunsi wo gusengera imitwaro y’ababoshwe mu mubiri no mu mpwemu kugira ngo nabo bazobone umwidegemvyo muri Yesu Kristo n’ubgiza bg’Imana. Muri aya masengesho, mw’izina rya Yesu Kristo, tuzobohoza abacu bose baboshwe [Matayo 16:19]. Tuzobohora:
Tuzosengera abakubagurwa n’impwemu zo kuzangazanga no kujuragirika;
Tuzosengera ababoshwe n’impwemu zo gusukiranya ivyo Imana n’ivyo mw’isi;
Tuzosengera ababoshwe n’impwemu z’ubusamvanyi no kw’isambanya; -Tuzosengera abakubagurwa n’impwemu zo gutambikiza mu madini; -Tuzosengera abakubagurwa n’impwemu zo gukunda ivyubahiro n’amaronko;
Tuzosengera abakubagurwa n’impwemu yo kwikakisha n’ubgibone;
Abakubagurwa n’impwe mu z’abapfumu z’abarozi n’abakinzi;