Inkuru z’intambara mu karere k’ibiyaga binini

Intambara zo mu karere k’ibiyaga bini abazitera barazwi n’ico zigamije kirazwi ariko hari abigira ba sinabibazwa. Dusengere akarere kacu kandi dusengere n’abakabamwo bose. Nkuko mwari mwabimenyeshejwe, kuwa gatandatu haraciye imisi 2, M23 yateye ibirindiro vya EAC/FDN i Kilorirwe ahitwa ku Nturo muri Nord-Kivu. M23 yarakubiswe vy’akarorero hama isaba ubufasha/msada RDF yaciye ibarungikira special forces. Asha go habereye isibaniro rikomeye /ingwan’ikaze, abanyagihugu isinzi bagat’izabo. M23 nta tangazo irasohor’ivuga ko yakuye abarundi mu birindiro vyabo, abarundi bobo ni agacerere basanganywe.

Uyu musi mu bucagu cagu, M23 yarikw’irategura assauts ubugirakandi kuri FARDC i Kabati aho yari yasubijw’inyuma ejo hashize kuwa Mungu n’ubwo yari yahawe renforts na RDF yazananye Rutshuru.

M23 ngw’izoharwanira mpaka ku musoda wanyuma, ikaba irondera kwugara ibarabara rya Kanyabayonga/Kichanga rij’i Sake. Ngw’shoboye kuryugara, bizoyorohera gutera i Minova.

Ndabibutse ko M23 yari yagabishije RDC kw’ishobora gutanguza ibitero bishasha kandi ahantu hose ifise abasoda guhera mu kwezi kwa ruheshi 2023.

Arikw’ibi bitero bifatwa nka DIVERSION kubera RDF yoyo iritegura kwinjira Sud-Kivu ahw’u Burundi ari cible/target.

Uwufise amatwi yokwumva kandi n’uwufise ubgenge yotahura.

Twatanguye indwi y’ukwezwa gose no kwiyegereza Uhoraho Imana

Hariho igihe Mpwemu w’Imana aza kuri twebge akururukira ku bantu bo mw’Ihanga Ryera ry’Imana bari mu bihugu bitandukanye, intara zitandukanye n’abantu bo mu bicaniro vy’amasengesho maze hose akavuga ijambo rimwe risa ati: “Bgira umurongozi w’Ihanga nitoranirije abarire ubgoko bganje yuko iy’indwi ariyo kwiyeza no kunyegera cane.” Haraho Imana ica imubarira ico izokora akakitumenyesha n’igihe ataco we ataco atuarira.

Ni mur’iyo ntumbero iri tangazo rije rigana Abera bose n’Abarundi bose. Mu gihe c’amasengesho nk’aya, turabuzwa gutegura ingendo za kure, ingendo zo kuzinduka cane canke gutaha dutevye kugira ngo turonke umwanya ukwiriye wo kwihereranya n’Uhoraho Imana.

Kubera iki tutoyumvira kandi twamenye yuko ari Imana yavuze. Hariho abantu bari mu madini menshi batemera yuko ijwi ry’Imana ribaho. N’iyo habonetse uwuvugishwa baca bahaguruka bakarizivya. N’ukubera imvo nyinshi z’abanyamadini. Mugabo baba bihenze cane kuko hariho abo Imana yitoranirije bayumvira. Hari igihe Mpwemu Yera yatubariye ati semerera mubarire abantu bitegekanye ivya nkenerwa kuko iyo ndwi izobamwo intureka kandi abantu bazoterwa ama grenades mu gisagara hagati. Ico gihe vyagenze uko kandi niho benshi batanguriye kwubaha ubuvugishwa.

Iyo Imana ivuze ikintu, umuntu w’ubgenge akwiriye kucubahiriza.

Umu-Kristo ntakwiriye gutinya urukamvye.

KWIHANGANIRA IMIBABARO.

« Ufatanye nanje kwihanganira imibabaro, nk’uko bikwiye umusoda mwiza wa Kristo Yesu.
2 Timoteyo 2:3″.

Mubuzima bwa buri musi, umusoda wese iyo ari aba azi ko hashobora kwaduka abansi batera igihugu nawe bikamusaba guseruka,agatabara, akababazwa, mbere bibaye ngombwa agapfa kuko yaravyemeye.

Muvy’ ukuri na twebwe abasoda ba kristo niko dukwiye kuba tumeze: dukwiye kuba twiteguriye guca mu mibabaro
(gusuzugurwa,kubesherwa,gukena,kuvugwa nabi,…) kubwa kristo.

Ntivyoshoboka ko uhagararira ubwami bw’ Imana neza mw’ isi utiteguye kubabazwa kubwa Yesu.

Pawulo we yavuze incuro yakubiswe, ko yatewe amabuye,ko ubwato bwamenekeye munyanja,uburyo yabaye mw’ irinde ry’abiyita bene Data,…

Nimba koko warakurikiye Yesu, ukemera kugendandana nawe, ukwiye kuvyitegurira, ukamenya ko hari imibabaro uzocamwo kubwiwe.Kumbure uzobona abakurwanya,abakwanka ataco baguhora,abaguhama,…, kubaho ubizi bizotuma uguma ushikamye ni vyagushikira, hanyuma nivyahera uzosigara uhagaze,ube ubaye akarorero keza abandi bazokwigirako.

Ariko Imana ibana n’ abayubaha izoguha inkomezi, iguhe no kubona amahoro yo mumutima no mubihe bigoye,kandi izogutabara.

Turangirize kur’ iyi mirongo:

« Ivyo murabinezerererwa cane,nah’ ubu ari igihe gito mubabazwa n’ ibibagerageza vyinshi, kuko bitobura kuza.
1 petero 1:6″.

« Umwami Imana arazi gukiza abamwubaha ibibagerageza,no kurinda abagabitanya bahanwa gushitsa kumusi w’ amateka.
2 Petero 2:9″. Muhezagirwe.

Bimwe mubituma Uburundi budatera imbere ni ukubera biba abarwizatunga mvamakungu kandi n’ubutungane bugoyagoya.

Bujumbura hari abanyamahanga baheruka gusahurwa urukombamazi,uwari yabazanye gukorera mu Burundi nawe ubu akaba abarizwa mwibohero rikuru rya MPIMBA

Hari umurundi yitwa NDAYISHIMIYE OLIVIER Yazanye abarwizanye abarwizatunga mu Burundi kugirango bakorere mugisata c’Ikawa (Kuza barayigura),haca haba uwundi murundi yitwa Yitwa NIYONZIMA JEAN MARIE VIANNEY Yoba yaciye abegera yipfuza gukorana nabo kugirango aze arabafasha kubaronderera ikawa nziza ayibegeranira mubarimyi bo mumihingo itandukanye y’igihugu akaba yaciye abasaba ko bomuronsa amafranga y’Amarundi angana na 4Milliards Frbu nkukwo bigaragara mumasezerano bagiriraniye imbere yukwo bamuha ico gitigiri cayo mafranga yariko arabasaba.

Icakurikiye nukwo izo miliyaridi amaze kuzihabwa haciye hategurwa umugambi wo guta mumvuto NDAYISHIMIYE OLIVIER ari nawe yari yahamagaye abo barwizatunga kugirango bazane imitahe yabo mu Burundi,Olivier akaba yahavuye atabwa mumvuto yagirizwa icaha ca Escroquerie ubu akaba akwije amezi 10 afungiwe mwibohero rikuru rya MPIMBA i Bujumbura.

Procureur wa Mukaza ETIENNE NINGABA afadikanije na Procureur wa Cour d’appel MUKAZA NSENGIYUMVA ARISTIDE bakaba bavugwa muri ayo manyanga aho hari ivyemeza ko bagiye barasaba kenshi ko ayo mafranga (4Milliards frbu) yogaburwa hanyuma abo banyamahanga bagataha ukwo gutyo Ndayishimiye Olivier akabon kurekurwa ariko Olivier akaba yaranse ivyo ariko arasabwa nabo ba Procureurs babiri kuko avuga ko ayo mafranga atari ayiwiwe rero ko adashobora guhemukira abari baje bamwisunga mu Burundi kuharangurira imigambi.

Haravugwa kandi ko abo banyamahanga bahavuye batanga ingwati ingana na 110.000.000Frbu (Imiliyoni ijana na cumi) kugirango ubutungane bwemera kurekura Ndayishimiye Olivier aze araburana yidegemvya,ayo mafranga nayonyene yarariwe kandi icipfuzo cabo nticigeze gishirwa mungiro nabo bafunze Olivier.
Iyo ngwati (Caution) ikaba yahawe (yakiriwe) na Procureur wa MUKAZA ariko ikindi gitangaje nukwo iyo caution itigeze kuri Compte ya Leta iri muri mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB Ahubwo Yategetse ko Chèque yandikwa kumazina yiwe kugirango bikunde abemerere ivyo bariko baramusaba vyo kurekura vyagateganyo Olivier hisunzwe iyo ngwati yarahejeje kwakira.

NB:Ayo mafranga yayatoreye muri DTB mukugirango bayamuhe akaba yabahenze ko kuyacisha muri BRB vyari gutuma Olivier adaca arekurwa kuberako hari kumusi wa Gatanu akaba yabizeza ko bayamuhaye kumazina yiwe kwariho ivyo kurekura Olivier vyari guca vyihuta.

Barahawe Réçu yemeza ko bari bahejeje gutanga ayo mafranga yingwati kugirango OLIVIER arekurwe gutyo azoze araburana yidegemvya ubu iyo Réçu ikaba ifiswe numushingwamanza wa Olivier (BANDYATUYAGA WENSSLAS) Aho ibintu bigoreye muri iyo dossier nukwo nuwo mu Avocat wa Olivier nawenyene yahavuye aja mumugwi wabafunze Olivier ubu bikaba bigaragara ko ariko akorana nabo ba Procureur babiri kugirango bikunde Olivier baze bamugumize mumunyororo.

Muvyemeza twashoboye kuronka nukwo Procureur wa Mukaza ETIENNE NINGABA yemera ko ayo mafranga yingwati(caution) yayakiriye ariko agaca ahindukira akavuga ko atariwe afunze NDAYISHIMIYE OLIVIER gutyo ko ataburenganzira bwokumurekura afise ahubwo ko ari ukurindira ikizova murubanza.

Abaryango ba Olivier Ndayishimiye basaba umukuru wigihugu kubafasha kugirango umuntu wabo arekurwe,abo ba Procureur babiri nabo bagahatirwa gusubiza amafranga yose bamaze kwakira kubwiyo dossier kuberako bimaze kugaragara ko intumbero yabo ari iyo kinyaga urukombamazi abo banyamahanga no kugumiza Olivier Ndayishimiye mwibohero kugirango ukuri kwiyo dossier ntikuze kwigere kuja ahabona numusi numwe.

Ivyavugiwe kuri television y’Urwanda ni igitutsi ku ngabo z’Uburundi

Igisirikare cu Burundi catangaje ko bimwe mu vyavugiwe kuri televiziyo y’u Rwanda birega ingabo z’u Burundi ziri mu ntara ya Kivu ya ruguru muri DR Congo “gutoza” no “guha ibirwanisho” imitwe y’inyeshamba ari “igitutsi gikomeye” ku ngabo z’u Burundi.

Mw’itangazo ryasinywe n’umuvigizi w’igisirikare cy’u Burundi Col Biyereke Floribert, yavuze ko abavugiye ivyo kuri televiziyo y’u Rwanda “bifise intego yo kuyovya abantu”.

Mu kiganiro Ishusho y’Icyumweru cyaciye kuri Televiziyo y’u Rwanda ku cumweru “cyashize tariki 14 Gicurasi cyagarukaga ku bikorwa by’ingabo za Africa y’Iburasirazuba (EAC) muri DR Congo, umusesenguzi Jean Baptiste Gasominari yashinje ingabo z’u Burundi ziri muri teritwari ya Masisi gukorana n’imitwe yitwaje intwaro.” Amakuru ya BBC

Yagize ati: “Ibigwi bafite ni ugutoza FDLR na Nyatura no kubaha intwaro, no gukorana nabo”, avuga ko ari yo mpamvu Perezida Félix Tshisekedi ngo yavuze ko adashaka ko ingabo z’u Burundi zihava kimwe n’izindi ngabo zo muri EAC.

Ivyo vyashikirijwe kuri television yu Rwanda ni igitutsi atari ku ngabo z’Uburundi mugabo ku gihugu c’Uburundi case kandi vyategerezwa kugira ingaruka kuri ivyo bihugu kugira ngo ivyo bintu vyo kwagirizanya bihagarare, ivyo bihugu vyubahane.

Mu gihugu haribonekeza ubusambanyi bg’ishano

Uretse yuko hari ibitavugwa cane nk’abavyeyi bashurashura n’abana bibarutse, abasangiye ibitsina bashurashurana hari n’abashirashuza ibitungano vyabo. None mwumva igihugu cacu kigeze hehe? Ivyo tudonfaguye bibera mw’ibanga. Ariko hariho ubundi busambanyi buba ku mugaragaro. Ugira gutya ukumva ngo: “urihuta duheze”? Ivyo ku rya 11 mu Kamenge Njebas bimubanye amayobera…

Ku rya 11 mu #Kamenge mu gisagara ca Bujumbura, ibihakorerwa ntiwokwibaza ko ari mu bantu b’imico n’imigenzo vy’Abarundi. Usivye ko hari ubunywero na twa mushikaki tw’akabenzi turyoshe guteramirako, aho hantu muvy’ukuri haragisibije ku bakobwa badandaza umubiri. Hari ibibanza vy’abakiri bato, ivya ba nyamunini (bavyibushe) nk’uko hari n’ivy’abitereye mu myaka. Erega ngo bashimye kwigabura mu migwi kugira borohereze abaguzi!

Je Njebas nagize ngo ndahatemberera, ariko, uko nahasanze narajorewe! Hari nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro. Nkihashika gusa, nakiriwe n’inkumi ziyambariye uduhuzu two gusotora ibitsina gabo. Bamwe nabona bariko banywa inzoga, abandi batumura itabi, batambira umuziki mw’ibarabara. Nkijumarariwe, nza numva umukobwa wa mbere ngo: « Musore, urihuta none duheze? » Naramuravye ndabura ico novuga kuko ntarinzi ico ashatse kuvuga

Ariko ku ruhande naguma mbona haza abagabo n’abasore bakihereranya inkumi zimwe mu zihari nkabona barafatanye amaboko baragiye. Ivyo vyabaye kenshi, nanduruka nja kwigurisha akabenzi kugira ngo ndonke ingene mbaza ivyo ndiko ndabona. Uwo muyangayangaya yakize kwumva ikibazo canje, aca agira ati: « Aha ni ku kaguriro k’inkumi n’abagore b’idandaza imibiri.” Aca yongera ati: ”Abo bose ubona baguma bajana n’abasore harya bagiye kubihereza mu mahoteri canke ahandi umusore yateguye kubakirira”

Eka mbere ngo hariho n’abakobwa bipangiye inzu zabo mwumvikanye neza baca bakujana aho bapanze mugaherezayo

Umuhungu yariko acuruza amagi yumvise ivyo nariko ndabaza, numva aritwengeye. Aca ambwira ko abakobwa ndiko ndabona ari bake kuko twari duhagaze ku kirindiro c’abakiri bato, kandi bataramenyera ico yise « umwuga ». Ati: “Abenshi ni abahevye amashure baza baje gukora ubuzi bwo mu nzu bukabananira.

Mu gihugu igitigiri c’abiyahura kiguma kiduga.

Commune KIRUNDO uko umutekano waramutse le 22/05/2023:

  1. Ku mutumba Gakana zone kirundo rural hari umugabo yitwa sengiyimva Patrice w’imyaka 34 mwene Bizimana Pascal n’a Miburo Marguerite yapfuye yiyahuye yabanje kwirukana umugore wiwe Niragira Joselyne n’abana babiri none bamusanze mumugozi yimanitse yambaye ubusa.
  2. Zone Cewe Ku mutumba runyonza umugabo yitwa nzimenya w’imyaka 24 yaraye akubise umugore bivuye kukaborerwe kinzoga zitekerwa mubipipiri.

Abakirisu benshi barajuragizwa mu mashengero bahurikiyemwo.

Rumonge: Abakirisu batatu bahagaritswe n’ igipolisi inyuma y’ imishamirano ku rushengero

Hazindutse imishamirano kur’uyu w’ Imana mw’isengero bamwe bita Elayono abandi Christian Faith International Church (CFIC).
Abakirisu banse kwinjira mu rusengero biyamiriza umupasitori mushasha. Abo bakirisu basigurako isengero ryabo ari Elayono, ko ryigenga gutyo ngo ntibatahura ukugene ubuyobozi bwa CFIC bwokwaduka bukazana umupasitori asubirira uwabo bita « Mzee upako ».

Amatati hagati y’ indongozi, isoko rya vyose

Muyumbu Déo, aserukira imbere y’amategeko CFIC. Asigura ko pasitoro Mbonankira Jean Berchmans « Mzee upako » yagirizwa gukora atisunze ukwemera kw’isengero CFIC. Anamwagiriza kandi kuba afise umugambi wo kwubaka isengero mu rindi. Kuri ivyo ngo bahisemwo kumuhindura batako ngo baranabimenyesha ababijejwe.

Iyo mishamirano yatumye abakirisu batatu bahagarikwa n’ igipolisi. Uko ari abagabo, bose bapfungiwe mu gasho ka komisariya y’ igipolisi ca Rumonge.

Mu bintu vy’amashengero harimwo abanyamanyanga, ubusuma, ibiturire, akajagari, ubgicanyi n’ubundi bukozi bg’ikibi. Amategeko agenga amashengero mu gihugu cacu asa n’ayatomoye ariko ntaryohoye kandi abajejwe kuyashira mu ngiro basa n’abatazi ivyo bakora.

Wirinde abakubarira ngo bakeunguruze mu modika yabo, ubusuma buri kwinshi.

Mutakura: Hari inkozi z´ikibi ziyitirira imiduga ya Reta mu kunyuruza no kwiba abantu zibicishije mukwunguruza abantu muburyo bwa Lift.

Ivyo nivyashikiye umusore twise AS mu gatondo ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 19.05.2023, aho yaragiye ku mirimo yiwe ya minsi yose arindiriye bus imwunguruza gushika muri ville.

AS agira ati :nari kwibarabara ry’indwi aho benshi bakunze kwita kwa mwarabu ndindiriye bus, Aho haciye haza imodoka yo mu bwoko bwa V8 ifise ibiyo bitabonerana (fumé) ihagarara impande yanje Hama uwariko arayitwara yugurura agace gatoyi k’ikiyo ansaba ko yonyunguruza nanje ndemera.

Mu nyuma haciye akanya gatoyi ninjiye niho nabonye ko hari abagabo babiri bicaye inyuma nca ndabaramutsa ariko ntibanyishura nanje nca nibaza ati kumbure ntibanyumvise, inyuma y’ivyo rero umwe yampa lift naziye mbona akase nk’uwuja mu carama nanje nca ndamubaza ati none ko uhinduye inzira kandi wavuze ko ugiye muri ville? Niho yaca ambwira yuko ari uwo agiye guhitana imbere hanyuma Duce tugiramwo muri ville.

Agiheza kumbwira uko naciye ntangura kugira amakenga kandi yaciye atangura no kwongereza umuvuduko w’imodoka, muri ako kanya nyene ba bagabo babiri bari bicaye inyuma baciye bankwegera inyuma banshira hagati yabo baca batangura kunsopa banyaka itelephone, karangamuntu na badge y’akazi, isaha, n’ingodo.

Naragerageje kubikura baca bankubita ingumu munda nca ndatekana mu ngodo bantwaye hakaba harimwo amafaranga yababa kuri 45000Fbu, inyuma y’ivyo bahejeje kunsahura baciye bugurura umuryango imodoka iriko iragenda baca banterera hanze.

Nisanze ndimugahinga ahantu ata nzu zihari ata n´abantu baharengana nca mpura n’umugiraneza ndamubwira amakuba yanshikiye aca arampa amafaranga ansubiza ku mutakura yongera aranshikana kw’ibarabara aho imiduga irengana.

Nsavye abantu ko bomenya bakanamenyesha abandi k’ubukozi bw’ikibi bwo ku mutaga buriho kandi bumaze kwibonekeza bagabe kuko si mwijoro nk’uko benshi bavyiyumvira n´amasaha yose !

Aho kugwiza ibihano wogwiza umwimbu: Akagohe kuri Leta y’uburundi

“Ubusuma bukabije mu gisagara ca Bujumbura biturutse kururu ruzuba “ nkuko vyemezwa nuyu musuma ubwiwe

kuruyu wa 19/05/2023 mu gisagara ca Bujumbura Neza na Neza kuri « avenue de la France » hari umuhungu Akiri muto yafashwe ariko yugurura muma pine y’umuduga Kugira ngo atware ivyuma biriyo .

Uyo yafashwe yiba mu majambo yashikiriza yagira Ati : « Ni mu mbabarire sijewe iki kizuba casaze nariko ndondera uko mfungura. »Nayo kuba gendesha iyo miduga basaba ko hokongerezwa ubuhinga bwo gucungera ingendeshwa mu gihe Ziba zi paritse ahantu, kuko ubwo busuma bwimonogoje .

Ubusuma nk’ubu mu gutuzwa bashiraho ibikorwa bitanga akazi kuri benshi bikagwiza umwimbu, Ntusubira kubona iyo bgakamanganiye. Kugwiza ibihano womenya yuko ingeso ishikira igufa idashikira ingeso.