Umuntu wese afate umwanya wo kwihererana n’Imana ku giti ciwe.

AMASENGESHO AFATANIJE NO KWISONZESHA. [ Matayo 6:5-6, Yohana 4:24, Mariko 9:29, Yoweli 2:12]

Mu bihe nk’ibi aho abiyita abakozi b’Imana bayihemukira bagahemukira n’abizera, bakabesha, bakiba, bakica, bakigisha inyigisho z’ibinyoma n’umuburyarya. Ni ukwisonzesha nugusenga kugira ngo Uhoraho yiyerekane.
Mu gihe nk’iki aho ibiza bibica igacika , imyuzure, inzara n’ubukene bigisibije; inzira y’ukunesha ni ugufata umwanya wo gusenga wisonzesheje usaba Uhoraho Imana ngo agutambutse ibihe bigoye.
Mu bihe nk’ibi aho umuntu atazi ico akwiriye gukora, iyo akwiriye kuja. Nivyo bihe vyo kwegera Uhoraho Imana mu gusenga n’ukwisonzesha.
Mu bihe utaba uzi neza ikikurindiriye, mu gihe wewe uba urindiriye ugushitswa kw’isezerano ryawe ; nivyo bihe vyiza vyo kwegera Uhoraho Imana mu kwisonzesha no gusenga.
Mu bihe nk’ibi twese tuba tubona ibihe tutazi neza uko bimeze, tukaba tubona impfu nyinshi hirya no hino, tukongera tukabona ibimenyetso vy’ibihe kandi hakaba hariho ba ntaconezwe, ni ibihe vyo kwisonzesha no gusenga kugira ngo twegere Uhoraho Imana.
Umwe wese ni afate umwanya wo kwisonzesha no gusenga ku giti ciwe. Duga duga ku misozi miremire gusengerayo. Ja haruguru mu cumba c’amasengesho, ja mu bgigobeko bg’urusengero wihererane n’Uhoraho Imana. Uzotabarwa n’abawe.
Umwami Yesu Kristo yamamare!

Inyishu z’ikizamini kigira 6

INYISHU Z’IKIZAMINI KIGIRA GATANDATU
Turashimiye cane abantu bose bakomeza gukora utu tubazo twahawe kandi benshi bariko barabitora kuko bakomeza gusoma Bibiliya Yera no gusenga Uhoraho Imana basiguza. Ninayo mpavu dukomeje gushimira cane bimwe vyumwihariko abantu mwese mugira akigoro mugakora mukaturungikira ivyo mwashoboye gutora nk’inyishu kuko nakaryo twahawe na MPWEMU YERA ngo twipime urugezo tugejejeko mu gutahura ijambo ry’Imana niyo turiko turerekeza. Umwami Yesu Kristo akomeze kubaja imbere.

  1. “IVYASEZARIMUBIHESEZARIIVY’IMANAMUBIHEIMANA”BISUGURAYUKO: a) Kizira gusaba uruhusha leta yo mw’isi ugomba gushinga ishengero canke kugirisha ibikorane vy’ubutumwa bgiza.
    b) Uremerewe gusukiranya ivy’isi n’ivy’Imana kuko Ishengero rikiri kw’isi. c)Abarongozi b’isi bategetse gukora ivyaha ni ukubikora ntakundi kuko ubutegetsi bgose buturuka k’Imana.
    Kuri iki kibazo ca mbere, inyishu yukuri ni (D). Kugira ngo tubahe insiguro itomoye, twisunge amajambo yo mu [Abaroma 13:1-5]. Iyo mirongo yose iratwereka neza ko atakuganza kutava kumana. Mwomenya neza yuko iyi’si ifise amategeko ayigenga kugira abantu tubashe kubana neza tukiyirimwo akanya tutarayivanamwo kuko na Yesu Kristo yarasenze ati: “Data singusaba ngo ubakure mw’iy’isi ariko ng’ubarinde wamubi [Yohana 17:15]. Ariko naho yasenze uko ntibisigura ko amategeko yose asohorwa n’ab’isi ko twoyumvira na cane cane ayadusunikira gukora ibinyuranye n’ubugombe bw’Imana kuko dukwiriye kuzibukira cane. Akarorero itegeko ryemeza kurongorana kw’umugabo kuwundi canke umugore kuwundi (homosexualité) nk’iryo niryo kuzibukira cane kuko rinyuranye n’ubugombe bw’Imana kw’ihanga ryiwe. Mwibuke icatumye Imana irimbura Sodoma na Gomora.
    Hariho inyigisho nyinyi zikwiragizwa n’imigwi y’inyererezi bavuga yuko kizira gusaba impusha abaganza ibihugu mu bikorwa vyo gukorera Imana. Abo bantu bigisha umugararizo bavuga yuko Yesu Kristo n’intumwa ziwe batigeze basaba uruhusha mu mirimo yabo. Izo ni inyigisho zituruka kuri satani kuko niwe se w’abagumutsi n’abagarariji. Yesu Kristo ntiyarungitse intumwa ziwe kuja kurwanya ubutegetsi bgabo mw’isi canke kuja kubundabunda kugira ngo bagure ubgami bg’ijuru. Yagize ati gende muhindure amahanga mubigishe ubutumwa bgiza kandi mu babatize. Muri ayo mahanga twatumwe ku baganza n’abaganzwa, twatumwe gukorera mu muco, aho abantu bose bashobora ku twumva bakaza ku gakiza. [Matayo 28:16-20]
    d)Wokwubaha amategeko y’abaganza igihugu ukubaha n’ivyagezwe
    vy’Imana kugira ngo uvuge ubutumwa bubohora.
    Umwami Yesu Kristo yarabivuze avyeruye kugira ngo abo bantu bakurikira inyigisho z’ibinyoma n’ubuzimire ntibazoronke ico bireguza. Yagize ati: “Ni musubize Kayisari ivy’iwe, Imana nayo mubihe ivyayo” Bibiliya itubgira iti abantu baciye bamutangarira. Abantu kubera uburiganya, ukugerageza no kwigenza ku bantu b’Imana, bamubajije yuko abizera bakwiriye kwemera amategeko y’abaganza mu gutanga ama tagisi n’izindi ngingo zifatwa n’amaleta. Yesu utanka yababariye ati nzanira icasha canke igiceri. Barakimuzanira aca ababaza ati mubona hariko ifoto yande? Baramwishura. Nawe ati ni ukuja muramusubiza ivyiwe. [Mariko 12:14-17] Yemwe ba-Kristo aho muri hose, mwirinde inyigisho z’abo bantu batazi ukuri kw’ijambo ry’Imana bavuga ngo uwukorera Imana mukuri ntiyubaha amategeko ya leta agenga abakozi b’Imana. Ntawushobora kujana umuvyuro n’ikanguro mu gihugu no mu mahanga agenda arabundabunda. Ntawushobora gukoresha ibikorane vy’amasinzi y’abantu aho abaganza ibihugu n’abanyagihugu baza kwihana bakira Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgabo, atari ibikorwa vyo ku mugaragaro. Twahawe ububasha bgo bgo gukandagira inzoka na scoropiyo harimwo n’izo nyigisho z’ibinyoma. [Luka 10:19].
  2. AMACAKUBIRI MU MADINI N’AMASHENGERO AZANWA N’UKO:
    a) Ijambo ry’Imana ridatomora neza akarimbi kari hagati y’amadini.
    b) Ivyaha bizigurizwa inyigisho zigatandukana, ntibabone ibintu kumwe.
    c)Abanyabgenge basengera ukwabo, abanyempwemu nabo ukwabo. d)Satani yashinze amadini yiwe arwanya idini ry’Imana.
    Inyishu yukuri ni (B) kuko n’Intumwa Pawulo yaravyandikiye muri [2Timoteyo 4:3- 4]. Iyo mu murimo abantu batanguye kutabona ibintu kumwe niho haca haba kwirema ibice kandi abavuye mu bandi bakaja gutanguza ikindi gikorwa ahandi nibo baca bagenda bavuga nabi abambere hanyuma amacakubiri agaca ahera ngaho. Satani arazi yuko urukundo n’ubumwe mu bantu bituma ataronka aho amenera. Kugira ngo asambure urwo ruzitiro akoresha ikinyoma, ukwosha nabi abantu no kwinubana. Ivyo nivyo yamye akora kuva kera Uhoraho Imana agihagurutsa ihanga yitoranirije. Turashobora no gukurikirana inkuru ya Kora, Datani na Abiramu mu [Guharura 16-38], n’inkuru ya Aroni na Miriyamu [Guharura 12:1-15], ukuntu abo bose bagenda bavuga nabi Mose uwo Imana yatoranije mu kwanka ivyo ababwira vyavuye ku Mana.
    N’uyu munsi satani aracakora kumwe kwa kera mbere agashiramwo uwundi mu kenyuro wo kuzana ingurukizi mu mirimo y’Imana, abiyita amazina yivyubahiro, abazana inyigisho zitari ukuri kwuzuye. Ivyo bigatuma abizera bahungabana hagaca haba amadini n’amashengero menshi cane mu gihugu. Ikindi kintu gituma habaho amashengero menshi nko mugihugu cacu havurwa yuko
    ayemerewe gukora ku mugaragaro arenga 800, n’uko abantu basanze atakindi bashoboye bokora bagakuramwo ubutunzi atari mu gucuruza ijambo ry’Imana. Ubu basigaye bakora ibintu vy’ivugabutumwa nk’uko bakora ubucuruzi. Ishengero risigaye rimeze nk’imangazini. Urudandazwa rw’isoni mu gihugu cacu.
  3. ICAGEZWE C’IMANA NI UKUVUGA:
    a) Ivyagezwe10 gusa vyahaweMose i sinayi mu 1446 Yesu Kristo ataravuka. b) Amabgirizwa 10 hamwe n’amwe 613 yahawe ihanga ry’Abayuda.
    c) Ivyagezwe 2 gusa Yesu Kristo yavuze vyo gukunda Imana n’abantu.
    Inyishu y’ukuri ni (D) kuko amajambo yose ari muri Bibiliya yahumetswe n’Imana. Turashobora kwinsunga iyi mirongo yo muri Bibiliya [Matayo 7:24-27; Ivyahishuriwe Yohana 1:3; 22:18-19]. Haratwereka neza ko iyo utumviye ico ijambo ry’Imana rivuga ko hari ivyago bitegekanijwe kuriwe kandi n’uwuryumviye harumugisha utegekanijwe kuriwe. Twongeyeko iri ryo mu [Abaroma 8:14-16; Yohana 16:13] turabona ko umuntu arongowe na Mpwemu Yera akora ibinezereza Imana bigatuma haba ubusabane bwiza n’ijuru.
    Nkuko twabibonye, ivyagezwe 10 ni vyiza kandi bitanga umunezero ku mu-Kristo mu kubaho kwiwe kwose mu mwanya akiri hano kw’isi, kandi nkuko n’Umwami wacu Yesu Kristo yabivuze nta cagezwe nakimwe kiza gisumba gukunda Imana n’umutuma wawe wose, n’ubgenge bgawe bgose ukongera ugakunda mugenzi wawe nk’uko wikunda. [Matayo 22:34-40] Ivyagezwe vyose, amajambo yose yo muri Bibiliya akoranirijwe muri ayo mabgirizwa Yesu Kristo yaduhaye. Ivyo biratandukanye n’ivyagezwe vy’imigenzo n’amategeko yo kugenderako abayuda bahawe mu gihe n’ikibanza bari bagezemwo ariyo mabgirizwa ashika ku 613. Na twebge mugihe cacu nkubu hateye ikiza, Imana iratubgira ingendo umwe wese akwiriye kugira mu gihe gikwiriye. Dufate akarorero, Uhoraho yarabujije abavyeyi ba Samusoni kugeza urwembe ku mutwe wiwe ngo bamumwe umushatsi kuko yari umunaziri [Abacamanza 13:5]. Ico cari icagezwe yahawe ku giti ciwe kandi umunsi yakirenze akamenera ibanga Delila bakamumwa yari akoze icaha kandi caramuhitanye[Abacamanza 16:15-17]. Abantu bose ntibahawe ico cagezwe co kutimwesha nk’uko habayeho isezerano ryo gukebga ku bahungu ba Aburahamu. Abantu barakwiriye gutahura ivyagezwe vy’amaho n’ivyagezwe vy’ibihe vyavyo aho Uhoraho abgira umuntu gukora canke kudakora ikintu kubera umugambi amufiseko.
    Burya Mpwemu Yera akubariye ati ntukore iki, ukakirengako ukagikora, uba ucumuye kuko uba renze ku cagezwe. Akubgiye ati ja ahanaka ukore iki,
    d) Ico cose Ijambo ry’Imana ritubgiriza gukora n’ivyo Mpwemu Yera
    adutegeka gukora vyose.
    akarorero usemerere abantu bihane canke usengere abantu, utabikoze witwanje imvo zawe, uba ucumuye kuko ijambo ryose Uhoraho ategeka umuntu ryaba iryanditswe muri Bibiliya canke iryo Mpwemu ahishuye, riba ari icagezwe c’Imana.
  4. UMUKOZI W’IMANA W’UKURI WO MW’IHANGA ATEGEREZWA:
    a) Kwumvira abavugishwa gusa ntiyumvire uwundi muntu.
    b) Gutanga ivyo afise vyose kugira ngo atone ku Mana n’abantu.
    c) Kwumvira ijwi rya Mpwemu Yera kandi akumvira n’uburongozi yahawe. d) Kuba umuntu afise ingabire kandi ayikoresha aronka inyungu yayo.
    Inyishu y’ukuri ni (C) kuko umuntu wese iyo yumviye Mpwemu Yera agira ikiganza ciza imbere y’Imana. Nkuko twabonye mu [Abaroma 8:14; Yohana 16:13] turabona neza ko ari ivyingira kamaro kwumvira Mpwemu w’Imana. Iyo utamwumviye rero aratinda akakuvako kuko Imana yaravuze mu [Itanguriro 6:3] ko atazokwama aranyinyurana n’umuntu kuko ari uwinyama n’amaraso. Ni ukuvuga yuko utumviye Mpwemu Yera ukora ibinyuranye nivyo Imana igomba. Na Dawidi muri [Zaburi 51:11] yisabira Imana ngo ntimukureko Mpwemu wayo Yera kuko yari yaratahuye ko aruwikimazi kuriwe. N’iko rero Imana dusenga ni Imana y’urutonde, Imana y’uburongozi kandi abari mu murimo wayo bose bagenda barongorwa na Mpwemu Yera.
    Hariho ivyumba vy’amasengesho, amashengero n’ubundi burongozi bg’abakorera Imana bgagiye burasambuka abakozi b’Imana bagacika abansi. Ubu amashengero menshi yarirukanye, mbere no gutoteza abavugishwa n’Imana bikabamwo kuko bamwe bavugishwa ibi abandi bakavugishwa biriya. Ivyo vyose bikarengera abarongozi. Ivyo nkuko twabivuze mbere nivyo vyashitse no mugihe ca Mose aho bagira ngo iyo Mana yoyo ivugana na wewe gusa ni nyabaki? Imana yaciye yereka abantu yuko kizira kugarariza abarongozi yashizeho kuko bingana no kugarariza Uhoraho nyene.
  5. IBIMENYETSO VYOSE BIREREKANA YUKO:
    b) Yesu Kristo agiye kugaruka inzamba ivuge kuko ikanguro riza ryaraheze. c) Ishengero ryaramaze kuduzwa hasigaye abazicunguza amaraso yabo. d) Abantu barindiriye yuko Mpwemu Yera ahishura ingene bigiye kugenda.
    Aka kabazo gashobora gutuma abantu benshi bakaganirako cane kuko mu nyigisho zikwiragizwa hirya no hino abavugabutumwa bigisha yuko ibimenyetso vyose bigaragaza ukugarukwa kwa Yesu Kristo vyamaze gushika. Nkako uravye
    a) Isezerano ku Burundi rigiye gushika Abarundi batware umuvyuro
    n’ikanguro kw’isi yose.
    uko Bibiliya itubgira ibizoranga ukugaruka kwa Yesu Kristo, ukongera ukumviriza ivyo Mpwemu w’Imana atuma abantu gusemerera hirya no hino, biraboneka yuko iy’isi dutuyeko iri ku musozo. Mugabo umuntu wese arashobora kwibaza ati none ko dutegerezwa kwama twiteguye kandi Yesu Kristo akaba azogaruka nk’igisuma, ni ukuvuga igihe ata muntu n’umwe azi, aho ni ryari? N’uwundi arashobora kwibaza ati none ko ijambo ry’Imana ritubgira yuko twokwama twiteguye kubera yuko Yesu Kristo agiye kugaruka mwebge muracashiraho ikindi kiringo c’Abarundi bazobanza gutwara umuvyuro n’ikanguro?
    Ubishize mu bgenge bg’Umuntu kandi ugasoma muri Bibiliya nta hantu handitse igihugu c’Uburundi. Usanga biragoye y’uko umuntu ahitamwo iyo nyishu ya mbere ivuga yuko Abarundi bazobanza gutwara umuvyuro n’ikanguro. Ariko naho biri uko, inyishu y’ukuri kuri ico kibazo ni (A) nkuko [Umumusiguzi 12:13-14] habivuga ngo vyose vyarumviswe, vyarerekanywe,vyarabonywe n’umuntu wese yakomeje kuba maso kuko ntaco Imana itahaye abana bayo yamaze gutoranya nk’abakozi bayo muri ico gihe c’ikanguro. Ntaco Uhoraho akora atabanje gutanga ibimenyetso n’urutonde. [Amosi 3:7]
    Ivyo tuvuga ku gihugu c’Uburundi si ivyo twigenera kandi si ivyo kuvuguruza ivyanditswe muri Bibiliya. Imana yarasezeranye yuko izokwihagurukiriza ihanga ryo muri Afrika mu Burundi rizokora ico igikorwa nkuko umuhanuzi Yesaya yabihishuye. Ubuhanuzi bg’Uburundi buri muri Bibiliya Yera. Ugusesangura ivyandizwe muri Bibiliya bisasiriwe n’uguhishurigwa, birerekana neza yuko vyahanuwe kera ko Ihanga Ryera ry’Imana ryo mu minsi y’Iherezo rizova muri Afrika. Ukurikije n’ubuhanuzi twagiye turaronka yuko imbibe z’igihugu c’Uburundi zizaguka ki kaba kinini, ukaraba n’ingene ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ry’ubatswe, wotahuzwa vyinshi gusumvya. Iki hariho vyinshi nUhoraho Imana yaduhishuriye tukihize ibanga. Ni ukwiga imvugo y’abahanuzi y’ibitarabaho. Akarorero kera cane hatarabaho ubgato nk’ubgo tubona ubu, uwerekwa yabona ibitebo bireremba kumazi bitwaye abantu. Akandi karorero, indege zitarabaho, yerekwa abona inzige canke ibihori biguruka bitwaye abantu munda zavyo bibakura mu gihugu kimwe bibajana mu kindi. Ni ugutahura imvugo y’Imana rero.
    Wize amajambo Umuhanuzi Yesaya umuhungu wa Amosi, yaba i Yerusalemu afise abana 2 b’abahungu Shear-Jashub na Mahe-Shalal-Hash-Baz yanditse mu gitabo kiri muri Bibiliya Yera cuzuyemwo imvugo ndyoheramatwi n’ubuhanuzi bwinshi, usangamwo ivyo tubayeho muri iki gihe biteye igomwe. Bumwe muri ubgo buhanuzi bgari ubgo mugihe ca hagufi mugabo ubundi bgari ubgo mu gihe ca kazoza ka kure. Ni ukuvuga muri ibi bihe turimwo. Tora Bibiliya yawe urabe ivyanditse kuri Afrika n’Uburundi muri [YESAYA 19:18-25.]
    Mu mwaka wa 700 imbere yuko Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo avuka, Umuhanuzi Yesaya yavugishijwe ati: -(18) “Kuri uwo musi mu gihugu ca Egiputa hazobamwo ibisagara bitanu bivuga urunyakanani, birahira Uhoraho Nyen’ingabo; kimwe mur’ivyo kizokwitwa kiri-haheresi.” [Ahanditse Egyputa ni ukumenya yuko yaba avuze Afrika, ahanditse igisagara yaba avuze igihugu ca Afrika.] -(19) “Kur’uwo musi hazoba igicaniro c’ubakiwe Uhoraho mu gihugu ca Egiputa hagati, kandi inkingi izoshingigwa Uhoraho ku rubibe rwaco.” [Yanditse hagati muri Egyputa canke Afrika yaba avuze Uburundi ariwo mutoma wa Afrika yuko hazoba igicaniro c’Uhoraho n’inkingi izoshingwa.] -(20) “Bizoba ikimenyetso n’igishingantahe c’Uhoraho mu gihugu ca Egiputa (Afrika): kuko bazotakambira Uhoraho kubwo ababahahaza, nawe azobarungikira umukiza n’umuvunyi nawe azobakiza.” [Amaze gutomora yuko ari igihugu co hagati, wa mutima wa Afrika UBURUNDI] -(21) “Kandi Uhoraho azokwimenyesha muri Egiputa, n’abanyegiputa bazomenya Uhoraho kuri uyo munsi: mbere bazosenga batanga ibimazi bashikana amashikanwa, bazosezeranira Uhoraho isezerano”. [Aha ariko aravuga isezerano ry’umuvyuro Ikanguro] -(22) “Kandi Uhoraho azokubita Egiputa,ahakubiteyongereahakize: bazogarukak’Uhorahonawe azobakundira ku mwinginga kand’azobakiza.” [Iyi ni imburi y’igihugusi c’inkota y’Imana abantu bose bamaze iminsi bumva kandi uwufise amaso y’impwemu arashobora kubona yuko yururutse uyu munsi] -(23) “Kur’uwo munsi hazoba inzira y’iroro iva muri Egiputa ija ashuri, kandi aba ashuri bazogendera Egiputa, n’Abanyegiputa bagendere Ashuri, kandi abanyegiputa n’Abashuri bazosengera hamwe. ” Uyu murongo urerekana ingene iryo hanga ryi Burundi muri Afrika rizotwara umuvyuro n’ikanguro mu ba Ashuri ni abo muri aziya bagizwe n’abarabu, abahindi, abashinwa n’ayandi mahanga “Kur’uwo munsi i Bgisirayeli hazoba aha gatatu kuri Egiputa na Ashuri, ar’umugisha hagati mw’isi ” asigura yuko Abarundi ari abambere mw’isezerano, ayandi mahanga ayakabiri na Isirayeli bakaba abagatatu. “kuk’Uhoraho Nyen’ingabo ahaye umugisha, ati hahigwe abanyegiputa abantu banje, n’Abashuri igikogwa c’amaboko yanje, n’Abisirayeli ishamvu yanje. » [Abarundi twiswe Ihanga ry’Imana twahawe n’imigisha n’imihezagiro, ayandi mahanga acitse igikorwa c’amaboko y’Imana kubera ubutumwa bg’ikanguro; hanyuma Abisirayeli nabo bagumye ari ishamvu canke inyegu y’Imana] [Yesaya 19:18-25] Ufashe ubu buhanuzi ukabutwara imbere y’Imana ugaruka udafise ugukekeranya canke amakenga kuko Mpwemu w’Imana aca abuguhishurira neza nk’uku tubibahaye. Nkuko biri ku murongo wa 25, Uhoraho Imana yaduhaye umugisha atwita abantu biwe. Abarundi turi IHANGA RYERA kubgo gutoranywa n’UWERA, turi UMUGENI canke ISHENGERO rya YESU KRISTO kubgo umugambi w’Imana wo mu gihe c’iherezo.
    Umwami Yesu Kristo yamamare!

IKizamini kigira gatandatu.

IKIZAMINI KIGIRA GATANDATU
Nk’uko vyama bigenda ku kabazo kose utora inyishu imwe y’ukuri.

  1. “IVYASEZARIMUBIHESEZARIIVY’IMANAMUBIHEIMANA”BISUGURAYUKO: a) Kizira gusaba uruhusha leta yo mw’isi ugomba gushinga ishengero canke kugirisha ibikorane vy’ubutumwa bgiza.
    b) Uremerewe gusukiranya ivy’isi n’ivy’Imana kuko Ishengero rikiri kw’isi. c)Abarongozi b’isi bategetse gukora ivyaha ni ukubikora ntakundi kuko ubutegetsi bgose buturuka k’Imana.
    d)Wokwubaha amategeko y’abaganza igihugu ukubaha n’ivyagezwe vy’Imana kugira ngo uvuge ubutumwa bubohora bose.
  2. AMACAKUBIRI MU MADINI N’AMASHENGERO AZANWA N’UKO:
    a) Ijambo ry’Imana ridatomora neza akarimbi kari hagati y’amadini.
    b) Ivyaha bizigurizwa inyigisho zigatandukana, ntibabone ibintu kumwe. c)Abanyabgenge basengera ukwabo, abanyempwemu nabo ukwabo. d)Satani yashinze amadini yiwe arwanya idini ry’Imana.
  3. ICAGEZWE C’IMANA NI UKUVUGA:
    a) Ivyagezwe10 gusa vyahaweMose i sinayi mu 1446 Yesu Kristo ataravuka. b) Amabgirizwa 10 hamwe n’amwe 613 yahawe ihanga ry’Abayuda.
    c) Ivyagezwe 2 gusa Yesu Kristo yavuze vyo gukunda Imana n’abantu.
    d) Ico cose Ijambo ry’Imana ritubgiriza gukora n’ivyo Mpwemu Yera adutegeka gukora vyose.
  4. UMUKOZI W’IMANA W’UKURI WO MW’IHANGA ATEGEREZWA:
    a) Kwumvira abavugishwa gusa ntiyumvire uwundi muntu.
    b) Gutanga ivyo afise vyose kugira ngo atone ku Mana n’abantu.
    c) Kwumvira ijwi rya Mpwemu Yera kandi akumvira n’uburongozi yahawe. d) Kuba umuntu afise ingabire kandi ayikoresha aronka inyungu yayo.
  5. IBIMENYETSO VYOSE BIREREKANA YUKO:
    a) Isezerano ku Burundi rigiye gushika Abarundi batware umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose.
    b) Yesu Kristo agiye kugaruka inzamba ivuge kuko ikanguro riza ryaraheze. c) Ishengero ryaramaze kuduzwa hasigaye abazicunguza amaraso yabo. d) Abantu barindiriye yuko Mpwemu Yera ahishura ingene bigiye kugenda.
    WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM APP-MOB: ISEZERANO TEL: +257 61404181

Inyishu z’ikizamini ca gatanu.

INYISHU Z’IKIZAMINI KIGIRA V
Nk’uko amategeko yo gukora ikizamini abitegekanya, ku kabazo kose umuntu atora inyishu imwe gusa y’ukuri. Naho hoba hari izindi nyishu nyinshi zigomba gusa n’ukuri haba hariho inyishu imwe gusa y’ukuri. Tubibutse yuko imvo nyamukuru ari uko Mpwemu w’Imana yasanze abantu benshi bafise ivyizerwa bitandukanye kandi vyinshi kubera inyigisho zitari iz’ukuri zikwiragizwa n’amadini, amashengero, imigwi n’abantu ku giti cabo. Yahavuye rero atanga ikizamini kugira ngo umuntu wese yisuzume inyishu zitanzwe aheze atere umugongo inyigisho z’ibinyoma. Ukoze akabazo kakakunanira rero ni akaryo ko kubona ukuri no ku kugendera.

  1. KWUBAHA IVYAGEZWE VY’IMANA NO KURONGORWA NA MPWEMU YERA:
    a) Ni inzira yoroshe kuko ivyagezwe vyakuweho bisubirizwa n’ubuntu.
    b) Ni umunezero ku mu-Kristo kuko ivyagezwe bituma tubana neza n’Imana n’abantu mu gihugu, Mpwemu Yera nawe atwerekeza kuja mw’Ijuru.
    c) Uhitamwo kimwe ushaka kurongorwa naco ivyagezwe canke Mpwemu Yera. d) Izo nyishu zose zatanzwe sizo kuko ivyagezwe ni inyuguti, Mpwemu ni ubugingo.
    Hari inyigisho nyinshi zivuga yuko umuntu ategerezwa kuja mw’ijuru aruko yubashe ivyagezwe 10 izindi zikavuga yuko ivyo vyagezwe vyakuwe bisubirizwa n’ubuntu bga Yesu Kristo. Igitangaje n’uko abo bahagaze kuri izo nyigisho usanga bameze nk’abashamiranye baharira bakanaterana amajambo. Ico bibagira n’uko Imana yo mw’isezerano rya Kera ni nayo Mana yo mw’Isezerano Rishasha. Kuko ntahinduka, uko yarari muri kahise, niko ari uyu munsi, no muri kazoza n’ibihe bihashira [Abaheburayo 13:8]. Imana yatanze ivyagezwe 10 ku musozi SINAYI ni nayo yatanze umwana wayo w’ikinege kugira ngo umwizera wese aronke ubugingo budashira. [Yohana 3:16]
    Ivyagezwe 10 vyatanzwe kugira ngo bibere Ihanga ry’Imana amategeko ngenderwako kugira arishoboze kubana neza n’Uhoraho Imana kandi abantu bongere babane neza hagati yabo. Si amabgirizwa arongora abantu kugira ngo abashikane mw’ijuru mugabo vyatanzwe kugira ngo bashobore kubaho amahoro mu gihugu c’isezerano ca hano kw’isi Imana yari yarabahaye, I KANANI. Kugira ngo utahure neza, wokwiga icagezwe cose ukwaco, itegeko ryose ukwaryo ico rivuga. Akarorero: “Ntukagire izindi mana umbangikanya…” Kuko imana z’abanyakanani zari nyinshi cane kandi barazibazira, bakibumbira ibishushanyo bakabipfukamira kandi bakabisaba. Imana yarabihanikirije kumera nk’abapagani baho hantu [Kuvayo 20:3, 34:14] kandi n’ayo mabgirizwa uyu munsi dutegerezwa kuyubahiriza kugira ngo tubane neza n’Imana. Akandi karorero twofata ni: “Wubahe so na nyoko kugira ngo urambire mu gihugu jewe
    Uhoraho nzoguha.” [Kuvayo 20:12] Iri bgirizwa co kimwe n’ayandi yose rirerekana yuko twubaha ibi vyagezwe icumi atari ukugira ngo bidushikane mw’ijuru mugabo ari ukugira ngo dushobore kwerekana yuko twubaha Imana kandi tubana neza n’abantu bigatuma turonka ingororano yo kubaho neza no kurambira mu Burundi Uhoraho Imana yaduhaye. Niba mubona abantu bama mu ndyane bakama bicana ni ukubera batubaha ivyagezwe vy’Imana. Abanyagihugu bobana bubaha ivyo vyagezwe bobaho mu mahoro n’iterambere. Iyo umuntu yizeye Yesu Kristo agakizwa neza, ntarinda kwambara ibi vyagezwe kwizosi no kuguma abisubiramwo umwanya wose; ahubgo yisanga avyubahiriza afise umunezero w’intsinzi. [1 Yohana 2:27] Ivyagezwe ni bizima kandi ni ukuri nta ngorane na ntoya biteye. Ibiteye ingorane ni imitima y’abantu, co kimwe n’inyigisho zomu mubiri kuko ivyagezwe ni ivyo impwemu. [Abaroma 7:14]
    Abarongorwa na Mpwemu w’Imana nibo bana b’Imana [Abaroma 8:14] Uwo Mpwemu niwe adushitsa ku kumenya ukuri kwose [Yohana 16:13] Uwo nyene ni nawe adusengera atunihira iminiho itovurwa [Abaroma 8:26]. Iyo twizera Yesu Kristo tukarongorwa na Mpwemu w’Imana, nta cagezwe na kimwe tutokwubahiriza kanatsinda tuba turi mu rugendo rugana mw’ijuru kwa Data. Inyishu y’ukuri rero ni (B)
  2. KWIZERA IMANA N’UMUTIMA WAWE WOSE N’UBWENGE BGAWE BWOSE NI:
    a) Ukuba Umubikira canke Umupadiri canke Umwungere canke Umukizwa.
    b) Ugutanga ivyo ufise vyose, mbere ukaba wotanga umubiri wawe ngo u turirwe. c) Ukwama ubgira abantu bose ijambo ry’Imana nk’uko urizi kugira bahinduke. d) Ukwihana, ukezwa ukumvira Mpwemu Yera mu nzira zose akurongoramwo.
    Inyishu y’aka kabazo ni (D)kuko kugira ngo biboneke neza yuko wizera Imana n’umutima wawe wose, ubgenge bgawe bgose n’ivyo utunze vyose; utegerezwa kuba warizeye Yesu Kristo kuba umwami n’Umukiza wawe, ukezwa n’amaraso y’imbabazi yiwe maze ukarongorwa na Mpwemu w’Imana. [Imigani 3:5-6]
    3 ISEZERANO KU GIHUGU C’UBURUNDI RYATEBEJWE N’UKO:
    a) Abarundi baryanse kuko riza guhindura inzego zari zihasanzwe.
    b) Ata bantu bari baritegereje ngo biyimike kandi bashinge inzego mfatakibanza. c) Igihe c’Imana kitari bgagere kuko Dawidi atari bgakure.
    d) igihe c’Imana kitari bgagere kuko yarindiriye yuko Abarundi benshi bihana.
    Isezerano ku gihugu c’Uburundi ritebejwe n’uko abarundi benshi batari bga menye igihe c’Imana kitari bgagere no kubera yuko Ab arundi benshi batari bgamenye yuko bahawe isezerano ry’igihugu c’amata n’ubuki kugira ngo bazotware umuvyuro n’ikanguro, kugira ngo bihane bariteramire. Ubu bose barumvise ubutumwa bgiza bg’umusaraba, baramenyeshejwe yuko bafise isezerano mu nzozi, imburi, ubuvugishwa n’ubuhanuzi. Abaraundi barasabge kwihana no kwezwa kugira ngo bitegurire ico Uhoraho Imana yabasezeraniye. Uhoraho Imana yama akorera ku rutonde rwiwe kandi no kugihe ciwe.
  3. ABARUNDI B’ABAVUGABUTUMWA MU MASHENGERO NO KU MIHORA:
    a) Bake cane nibo bahamagawe n’Uhoraho Imana kandi irabashingira intahe.
    b) Bose ni abakozi kandi ntaco bitwaye kuko barafise ababemera.
    c) Bose ni indyadya mugabo dupfe kwumva ivyo bavuga ntiturabe ivyo bakora. d) Ntawobacira urubanza kuko kirazira kuraba ingiga iri mu jisho rya mugenzawe.
    Mu Barundi, abavugabutumwa benshi mu mashengero no ku mihora ni indyadya, ibisuma n’abambuzi. Ivyo tubimenyeshwa n’ivyo Mpwemu Yera ahishura. Arabapfukura akabagaragaza! Benshi barivanze n’imigambge, amokoko n’ubundi bubisha bgaranzwe mu gihugu cacu. Bafatanije n’abicanyi, bamwe batanze abo bakorana imirimo y’Imana, abandi bicishije intama barongoye z’abizera babahoye ubgoko. Ntaho karoye, iyo bikinze agahumbezi bavuga ibintu bidahesha Imana icubahiro kandi bakora ivyo isoni nke. Dutegerezwa kubahanura kuko tutahawe Mpwemu w’ubuja n’ubgoba mugabo Mpwemu w’ubushobozi n’urukundo [2Timoteyo 1:7] Aba- Kristo bategerezwa gusuzuma yuko inyigisho bahabga zihuye n’ico ijambo ry’Imana rivuga, yuko abakozi bayitirirwa bagenda nkuko bibereye. Burya ntawutanga ico adafise kandi ku matovu ntushobora kwamurako imihwi. [Matayo 7:16] Amashengero menshi yononywe n’abigira abakozi b’Imana kandi badakijijwe. Barigana ubutumwa, bakigana amajwi n’imvuga y’abakozi b’Imana mugabo ari amabingira, abasuma n’abambuzi. Ntugapfe kwemeranya no kujana n’uwariwe wese.
    Inyishu ni (A) kuko hariho abakozi bake b’Imana yitoranirije. Abo nibo bigisha ukuri kandi Uhoraho Imana arabashingira intahe. Yesu Kristo yaravuze avyeruye ati ivyimburwa ni vyinshi ariko abimbuzi ni bake. [Matayo 9:37] n’uko bimeze no muri iyi minsi. Harageze yuko abahisemwo gukorera Uhoraho Imana, bamukorera mu kuri bakijijwe, ataburyarya kandi batiruka inyuma y’amaronko, ivyubahiro n’izindi nyungu abantu bahagararako.
  4. UYU MUNSI UPFUYE CANKE YESU KRISTO YOGARUKA WOJA HEHE?
    a) Noja mu muriro udahera kubera n’iyizi yuko ndi umunyavyaha. X
    b) Noja mw’ijuru kuko nzi neza yuko ndi umugororotsi yuzuye kubgo amaraso.√ c) Sinzi yuko noja mw’ijuru canke noja mu muriro kuko ata wimenya uko ahagaze. d)Icokibazontigikwiriyekubazwakukoniibangary’umutimaw’umwumwewese.
    Aka kabazo gasa n’akagoye abantu. Ubgambere ni ukubera yuko hejuru yuko utegerezwa gutora inyishu imwe y’ukuri, abantu bakaba bamenyereye guhitamwo inyishu ihagaze ku kuri kwa Bibiliye; umuntu wese ategerezwa kwisuzuma kandi akaba umunyakuri mu kwishura akurikije uko umutima wiwe umeze, agakurikiza ingene ibikorwa vyiwe biteye. Nico gituma uwishuye yuko yiyizi nk’umuvyaha, iyo nyishu yiwe ni ukuri. Abanditse (A) bagize neza kandi baragitoye, mugabo inyishu ntiherera aho nyene bategerezwa kugira ico bakoze ku buryo babayeho kugira ngo bave muri ako kaga. Tuhamagarire umuntu wese, yumva yuko hamwe urupfu rwoza canke Yesu Kristo akagaruka muri aka kanya yuko yohindura ivyo arimwo agaha ubugingo bgiwe Yesu Kristo kugira ngo ahinduke yakire agakiza yitegurire ubugingo budashira.
    Abibaza yuko ico kibazo kidakwiriye kubazwa barihenze cane gose ahubgo umuntu wese akwiriye kwibaza iminsi yose n’umwanya wose yuko urupfu ruje canke Yesu agarutse yoja mw’ijuru. Nico kimwe n’abibaza yuko bigoye kumenya yuko woja mw’ijuru canke woja mu muriro. Burya ugororotse urabimenya. Mpwemu Yera n’umutima wawe barabigushingira intahe. Ivyo biratandukanye n’abantu biremesha, bakibesha ngo boja mw’ijuru kandi bazi neza yuko bakigendera mu vyaha. Izo ni nazo ngorane dufise uyu munsi kubera yuko amashengero yacitse imishwena nkuko Mpwemu Yera yayise, aho abantu b’ivyaha vyose baja kwikomantariza imitima ngo bariko baraja mw’ijuru kandi baratanguye inzira igana mu muriro udashira. Abantu bagiye kuranduka batabizi kubera inyigisho zibaremesha mu kinyoma. Harageze yuko abantu bikangura ikinyoma bacite ikinyoma, icaha bacite icaha.
    Iyindi nyishu y’ukuri ni (B) kuko iyo wakiriye Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgawe, amaraso yiwe yarakwuhagiye ivyaha vyose. Igikurikira ni ukugororokera Imana mu mutima, mu ivyiyumviro, mu imvugo, ingendo n’ibikorwa vyawe. Iyo ugororotse urabimenya kandi ugira amahoro atangaje mu mutima wawe. Uba waramenye inzira y’ukuri. Kandi iyo utiriganye naho nyene urabimenya, uca wihuta gusaba imbabazi vuba bgango.
    Umwami Yesu Kristo yamamare!

IKIZAMINI kigira gatanu, tora inyishu imwe ku kabazo kose.

IKIZAMINI C’UTUBAZO DUTANU KIGIRA V

  1. KWUBAHA IVYAGEZWE VY’IMANA NO KURONGORWA NA MPWEMU YERA:
    a) Ni inzira yoroshe kuko ivyagezwe vyakuweho bisubirizwa n’ubuntu.
    b) Ni umunezero ku mu-Kristo kuko ivyagezwe bituma tubana neza n’Imana n’abantu mu gihugu, Mpwemu Yera nawe atwerekeza kuja mw’Ijuru.
    c) Uhitamwo kimwe ushaka kurongorwa naco ivyagezwe canke Mpwemu Yera. d) Izo nyishu zose zatanzwe sizo kuko ivyagezwe ni inyuguti, Mpwemu ni ubugingo. 2. KWIZERA IMANA N’UMUTIMA WAWE WOSE N’UBWENGE BGAWE BWOSE NI:
    a) Ukuba Umubikira canke Umupadiri canke Umwungere canke Umukizwa.
    b) Ugutanga ivyo ufise vyose, mbere ukaba wotanga umubiri wawe ngo u turirwe. c) Ukwama ubgira abantu bose ijambo ry’Imana nk’uko urizi kugira bahinduke. d) Ukwihana, ukezwa ukumvira Mpwemu Yera mu nzira zose akurongoramwo.
    3 ISEZERANO KU GIHUGU C’UBURUNDI RYATEBEJWE N’UKO:
    a) Abarundi baryanse kuko riza guhindura inzego zari zihasanzwe.
    b) Ata bantu bari baritegereje ngo biyimike kandi bashinge inzego mfatakibanza. c) Igihe c’Imana kitari bgagere kuko Dawidi atari bgakure.
    d) igihe c’Imana kitari bgagere kuko yarindiriye yuko Abarundi benshi bihana.
  2. ABARUNDI B’ABAVUGABUTUMWA MU MASHENGERO NO KU MIHORA:
    a) Bake cane nibo bahamagawe n’Uhoraho Imana kandi irabashingira intahe. b) Bose ni abakozi kandi ntaco bitwaye kuko barafise ababemera.
    c) Bose ni indyadya mugabo dupfe kwumva ivyo bavuga ntiturabe ivyo bakora. d) Ntawobacira urubanza kuko kirazira kuraba ingiga iri mujisho rya mugenzawe. 5. UYU MUNSI UPFUYE CANKE YESU KRISTO YOGARUKA WOJA HEHE?
    a) Noja mu muriro udahera kubera n’iyizi yuko ndi umunyavyaha.
    b) Noja mw’ijuru kuko nzi neza yuko ndi umugororotsi yuzuye kubgo amaraso.
    c) Sinzi yuko noja mw’ijuru canke noja mu muriro kuko ata wimenya uko ahagaze. d) Ico kibazo ntigikwiriye kubazwa kuko ni ibanga ry’umutima w’umwumwe wese.
    WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM
    APP-MOB: ISEZERANO WHATSAPP +257 61404181

Inyishu z’utubazo twabajijwe mu kizamini kigira kane.

IBIBAZO VY’ IKIZAMINI KIGIRA IV
Hanga ryera ry’imana,muri rwarukurikirane rw’utubazo turiko turabazwa na mpwemu w’imana kugira dusuzume ko harico twashoboye gutahura bivanye nuko twagiye twigishwa na mpwemu yera kubw’amashure umwumwe wese yagiye acishwamwo na cane cane mukuvavanura n’inyigisho zitandukanye zitangwa mumadini amwamwe n’ibindi bisata zidafatiye kuri bibiliya ukuri kwuzuye kw’ijambo ry’imana.mpwemu w’uhoraho ariko aratanga utu tubazo muntumbero yo kwerekeza abakristo kukuri gufatiye kw’ijambo ry’imana.
Turakomeza gusaba ko abananiwe n’inyishu z’utubazo tumwe tumwe ko bokomeza kugira umwete wo gusoma bibiliya kugira utubazo tuzokurikira ntibazongere kunanirwa.iyambure inyigisho zose zidafatiye kukuri kwa bibiliya ijambo ry’imana n’ihishurirwa rya mpwemu yera.
IKIBAZO CA1: ISHENGERO YESU KRISTO AZOGARUKA GUTORA NI:
a) Amadini n’amashengero yiyita ay’aba-Kristo.
b) Nta shengero Yesu Kristo azoza gutora.
c) Abantu bose basanzwe baririmba, bagasenga kandi bakavuga ubutumwa.
d) Amasinzi y’abantu bo mu moko, mu mpande z’isi zose bizeyeko bacunguwe n’amaraso y’umwagazi w’intama bakiyambura icaha cose bakezwa. (Ukuri)
Inyishu y’ukuri ni (d) kuko yesu kristo yabambiwe abantu bose, ntabwo yabambiwe igihugu kinaka gusa canke ishengero runaka nkuko bamwe bavyibaza.umuntu wese amugororokera akemera kurongorwa na mpwemu yera nkuko mu (abaroma 8:14;yohana 16:13-15) habivuga.mu vyahishuriwe yohana 7:9-10 haratomora neza ko inyishu ari (d).
IKIBAZO CA2: UBUZIMA BGA MISI YOSE BG’UMUGOROROTSI NI:
a) Ubgo umuntu yama ariko aravuga canke yandika ivy’Imana.
b) Ubgo umuntu yama ariko aragerageza gutunganira Uhoraho Imana mu vyiyumviro, mu mvugo no mu bikorwa vyiwe vyose.
c) Ubgo umuntu yahisemwo gukurikiza ivyagezwe cumi vy’Imana.
d) Ubgo umuntu yama akurikiza amabgirizwa Ishengero asengamwo.
Inyishu yukuri kuriki kibazo ni (b) [Luka 12:35-40; Matayo 24:36-39, Matayo 25:13] twisunze iyo mirongo yose dusanga muri bibiliya,turabona neza ko umuntu wese ahari akwiriye kwama agavye kuko yesu kristo ntamusi canke isaha yatanze yo kugaruka kwiwe kujana ishengero. [Mariko 13:32-33]
IKIBAZO CA 3: KUGIRA NGO UHORAHO IMANA ASHITSE ISEZERANO:
a) Hazobanza kuba igihuhusi c’inkomezi ziwe gikubura abanyakibi. (Ukuri) b) Abantu bazovyuka basanga vyikoze mw’ituze kuko ariko vyama bigenda. c) Izuba rizorasira mu burengero rirengere mu buseruko habe ubgirakabiri.
d) Ntawuzi uko bizogenda tubitege amaso.
Inyishu yukuri kuriki kibazo ni (a) kuko kuva na kera mugitabo c’ijambo ry’imana bibiliya turabona ko iyo imana ishatse guhindura amateka kuri israel yabanza guhagurutsa ingabo z’ibaburoni bamwe bagapfa abandi bakajanwa ari inyagano mugihugu atari icabo hama igaheza ikagirira neza amasigarira n’abambukanywe bakagarukanwa. Zekaliya 13:7-9, Zefaniya 3:8-13, Yesaya 60:21 Kandi mwibuke ivyabaye muri Edeni, Adam una Eva birukanywe mw’itongo n’umumalayika afise inkotayaka umuriro. Itanguriro 3:24 Ivyabaye kuri Nowa, Imana yarungitse umwuzure ukuraho abagarariji bose, amamiliyoni n’amamiliyoni y’abantu baricwa. Itanguriro 7:20-24 Murabe ivyabaye muri Egiputa, Uhoraho Imana yabateje ivyago gushika naho ingabo zabo zose ziherera mu kiyaga. (4) Mwibuke ivyabaye i Sodoma na Gomora, Imana yarungitse umuriro w’inkazi uturira abansi b’Imana bose. Kuvayo 19: 23- 25Mwibuke kandi n’ivyabaye mu gihe c’Intumwa, inkota y’Imana yasogose Ananiya na Safira. [Ivyakozwe n’Intumwa 5:10] Uturorero ni twinship muri Bibiliya.
IKIBAZO CA 4: YESU KRISTO AKIRI HANO KW’ISI YAKOZE IBITANGAZA KUGIRA:
a) Ngo abantu bamwemere yuko ahambaye.
b) Ngo abantu banezerererwe no kubona ivyo akora.
c) Kugira ngo ashitse ivyanditswe vyemeza abantu ubutumwa avuga. d) Kugira ngo yikingire abayuda ntibamugirire nabi kuko batamwemera.
Kuriki kibazo ca 4 dusanga inyishu yukuri ari ©turashobora gusoma imirongo imwimwe yo muri bibiliya: [Yohana 10:25;10:37;5:36;4:48;14:10-11; 1Korinto 1:22] Bibiliya iratubgira neza yuko Yesu Kristo yaje gushitsa ivyanditwse. Yarashikije n’ivyagezwe vose kugira ngo tube abidegemvya muri we.
IKIBAZO CA 5: KUGIRA NGO ISHENGERO RY’IMANA MU BURUNDI RISOMORWE:
a) Urwamfu n’ururo vyokurana bagapfukapfuka ivyaha, Yesu azokwitorera.
b) Harakwiriye abavugabutumwa benshi mvamakungu baza kwigisha Abarundi. c) Harakwiriye ibihano ku bungere b’inyererezi n’abaganza bivanze.
d) Abizera bose barakwiriye kwezwa bakagoroka ivyaha bikaranduranwa n’imizi.
Inyishu yukuri ni (d)turashobora kwishimikiza iyi mirongo yo muri bibiliya: [2Ngoma: 7:14, Ivyakozwe n’intumwa 3:19] Umuntu wese asabga kwihana, akiyeza maze agatunganywa gose kugira ngo acike umwana w’Imana. Igihugu cacu kizokizwa n’uko kirongowe n’abagororotsi, yuko gituwemwo n’abubaha Uhoraho Imana bakayigororokera. Ni uko tuzoba turi Ihanaga Ryera ry’Imana, abiteze kugaruka kwa Yesu Kristo.
Hanga Ryera ryIimana, aho muri hose, haba mu Burundi canke mu makungu; izo nizo nyishu z’ukuri kuriki kizamini ca kane umuntu wese asuzume aho yakosheje hama yikosore. Tugiriyeko twongera gutera akamo abantu mwese mudukurikirana kuri Radio Isezerano Internationale n’abandi bose muronka ubutumwa biciye kuri kuyindi mihora nka Application Mobile Isezerano, whatsapp, facebook, site internet n’ahandi; yuko mwogira umwete wo gusoma Bibiliya cane, ijambo ry’imana ryuzuye kugira n’utundi tubazo tuzotangwa mushobore kudutora. Mwitegurire akabazo kagira 5 mugusoma bibiliya no mukwuzanga Ijambo ry’Imana kugira ngo muryamemwo.
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare!
WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM APPMOB: ISEZERANO TEL: +257 61404181

Ikibazo kigira Kane kigizwe n’utubazo 5/ utora inyishu imwe ku kabazo kose.

  1. ISHENGERO YESU KRISTO AZOGARUKA GUTORA NI:
    a) Amadini n’amashengero yiyita ay’aba-Kristo.
    b) Nta shengero Yesu Kristo azoza gutora.
    c) Abantu bose basanzwe baririmba, bagasenga kandi bakavuga ubutumwa.
    d) Amasinzi y’abantu bo mu moko, mu mpande z’isi zose bizeyeko bacunguwe n’amaraso y’umwagazi w’intama bakiyambura icaha cose bakezwa.
  2. UBUZIMA BGA MISI YOSE BG’UMUGOROROTSI NI :
    a) Ubgo umuntu yama ariko aravuga canke yandika ivy’Imana.
    b) Ubgo umuntu yama ariko aragerageza gutunganira Uhoraho Imana mu vyiyumviro, mu mvugo no mu bikorwa vyiwe vyose.
    c) Ubgo umuntu yahisemwo gukurikiza ivyagezwe cumi vy’Imana.
    d) Ubgo umuntu yama akurikiza amabgirizwa Ishengero asengamwo.
  3. KUGIRA NGO UHORAHO IMANA ASHITSE ISEZERANO:
    a) Hazobanza kuba igihuhusi c’inkomezi ziwe gikubura abanyakibi.
    b) Abantu bazovyuka basanga vyikoze mw’ituze kuko ariko vyama bigenda.
    c) Izuba rizorasira mu burengero rirengere mu buseruko habe ubgirakabiri.
    d) Ntawuzi uko bizogenda tubitege amaso.
  4. YESU KRISTO AKIRI HANO KW’ISI YAKOZE IBITANGAZA KUGIRA:
    a) Ngo abantu bamwemere yuko ahambaye.
    b) Ngo abantu banezerererwe no kubona ivyo akora.
    c) Kugira ngo ashitse ivyanditswe vyemeza abantu ubutumwa avuga.
    d) Kugira ngo yikingire abayuda ntibamugirire nabi kuko batamwemera.
  5. KUGIRA NGO ISHENGERO RY’IMANA MU BURUNDI RISOMORWE:
    a) Urwamfu n’ururo vyokurana bagapfukapfuka ivyaha, Yesu azokwitorera.
    b) Harakwiriye abavugabutumwa benshi mvamakungu baza kwigisha Abarundi. c) Harakwiriye ibihano ku bungere b’inyererezi n’abaganza bivanze.
    d) Abizera bose barakwiriye kwezwa bakagoroka ivyaha bikaranduranwa n’imizi. WWW.ABISEZERANO.COM IHANGARYIMANA@GMAIL.COM APPMOB: ISEZERANO TEL: +257 61404181

Ubuhanuzi buhambaye ku gihugu c’Uburundi kuri uyu munsi wa 28/04/2021

Yabonye ( ibitutu) ibigatanya 4 vyari vyicaye biriko biragira inama (baganira) hanyuma abona amabuye, amacumu n’inkota bicanacanako kuribo ( mu gihugu) kuri ivyo bigatanya. Umuhanuzi w’amahanga Dr lan Ndlovu arangiza agira ati musengere abategetsi b’igihugu c’Uburundi.

Arongera akagira ati dusengere uburundi ntibudadaze kuvyerekeye imigenderanire n’igihugu canke ibihugu biteye imbere ku Burundi. Ati dusengere uburundi.

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yakoranije abaserukira amadini n’amashengero abahanura kuba abizigirwa no kuba intumwa z’Imana bareke kwiruka n’ibiguruka vy’iy’isi.

ISHENGERO RYA YESU KRISTO IHANGA RYIMANA RIZOGUMANA RIBERA AKARORERO ABIZERA BOSE

Inyuma yaho abungere b’Ishengero rya Yesu Kristo – IHANGA RY’IMANA rifatiye ingingo yo gusezerera burundu Freddy Sabushimike na bagenzi biwe 3, ishengero rigasaba imirwi y’abishushanya n’abakozi b’Imana guta hasi kuko Uhoraho Imana yihagurukiye kuroranya ivyo Ihanga ryiwe nkuko yabisezeranye; umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye nawe yahagurutse gihanura amaserukira amadini n’amashengero. Yabakoranirije mu gisagara ca Bujumbura.
Hariho abigira abakozi b’Imana bagenda barabundabunda mu moko n’imigambge, bagenda baratoza amafaranga mu bizera kandi bagatanga n’ibiturire mu nzego kugira ngo banyegeze amafuti n’ivyaha vyabo. Ivyo vyose biragahera mw’Izina ry’ubushobozi rya Yesu Kristo.
Hariho abigira abakozi b’Imana bisutse mu bgicanyi, abasambanya abizera, abiba, ababesha bagakora n’ibindi bizira binyegeje mw’ijambo ry’Imana. Aba-Kristo mwese mube maso kugira ngo icumu ry’abanyakibi rive mu mugabane w’abagororotsi. [2Abikorinto 6:14-18]
Turi ikivange ntaho twoshika, twohera mu bugaragwa. Abasenga mu Mpwemu no mukuri bategerezwa kumenyekana, indyadya, abiyorobetsi n’abigana ivyo Imana bakaja ahabona kugira ngo Ihanga ry’Abarundi risomorwe.

Inyishu z’ikizamini kigira gatatu.

INYISHU Z’IKIZAMINI KIGIRA GATATU

Nkuko twabivuze ku bibazo vyarangiye, Mpwemu w’Imana yaduhaye utu tubazo kugira ngo umwe wese apime ubumenyi afise mu gutahura ukuri kwa Bibiliya Yera n’ihishurirwa riva ku Mwami Mana. Kubera inyigisho umuntu wese yagiye aratoragura mu madini atandukanye, amashengero n’imigwi itandukanye yaciyemwo usanga hari vyinshi abantu bapfa gutwara uko kandi bimwe ari ibinyoma ibindi atari ukuri kwuzuye. Ubu rero ni ca gihe umuntu wese ategerzwa kumenya inzira y’ukuri ija mw’ijuru n’ubuhishuzi buva k’Uhoraho Imana agashira ku ruhande ibitari ukuri kwuzuye n’ibitagira ikimazi. Dufise umunezero ntangere kubera yuko abantu benshi barashoboye gutora inyishu z’utu tubazo twoseuko ari dutanu. Bake cane bafise utubazo twabananiye tubasaba gusubiramwo kugira ngo bamenye inyishu z’ukuzi.

  1. BIBILIYA YERA NI IKI ?
    a) Ni igitabo kigizwe n’ibitabo 66 canditswe n’abanyabgenge b’ivyanditswe. b) Ni igitabo c’ivyagezwe abantu bose bategerezwa gusoma.
    c) Ni igitabo cahumetswe n’Uhoraho Imana ngo kitubere Urumuri n’urufatiro. d) Ni igitabo ca kera cane c’indengagihe gikwiriye guhindurwa.
    Inyishu y’ukuri ku kabazo ka mbere ni C kuko Bibiliya Yera ubgayo iratubarira neza yuko uwumva wese aya majambo yanditse muri iki gitabo akwiriye kuyashingira intahe kandi hakaba n’ivyago bigenewe abongerako ivyabo canke abakuramwo amajambo amwe. [IVYAKOZWEN’INTUMWA 22 :18-21]
  2. TUJANYE UMUVYURO N’IKANGURO MU GIHUGU NO MU MAHANGA YOSE :
    a) Tuzogenda twigisha ivyagezwe icumi vyo mu gitabo c’IVYAGEZWE.
    b) Tuzogenda twerekana neza anti-Kristo ca gikoko 666.
    c) Tuzokwigisha amahanga ko yacunguwe na Yesu Kristo, ko ari muzima, akiza, abohora kandi yuko agiye kugaruka gutora Ishengero.
    d) Tuzokwigisha abantu yuko Imana ibazi kandi ibemera ata ngorane.
    Umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose uzoba uhagaze kui Yesu Kristo gusa. Kanatsinda, Bibiliya yose kuva kw’itanguriro gushika kuvyahishuriwe Yohana ivuga Yesu Kristo gusa kuhera ku kuremwa kw’isi gushika agaruke gutwara mw’ijuru umugeni yacunguje amaraso yiwe. Izindi nyigisho zose zidashingiye kuri Yesu Kristo n’ibikorwa bitangaje yakoze, ivyo ariko arakora uyu munsi nivyo agiye gukora vuba haza ni ukuzisusuma cane.
    Yesu Kristo tumusanga hose muri bibiliya Yera kandi abasomyi n’abanditsi batandukanye turabibona. Abatabibona barahumwe amaso kubera inyigisho. Umukristo wese akunda ukuri arabona Yesu Kristo n’akaranga kiwe mu bitabo vyose bigize Bibiliya co kimwe no muvyaremwe vyose.
  • Itanguriro: Yesu ni urubuto rw’umugore. [3:15]
  • Kuvayo: Yesu ni Umwagazi w’intama wa Pasika [11-12]
  • Abalewi: Yesu niwe muherezi mukuru wacu [8-10]
  • Guharura: Yesu ni inkingi y’igicu ku murango n’inkingi y’umuriro mw’ijoro [13:21-22]
  • Gusubira muvyagezwe: Yesu ni umuvugishwa nka Mose [18:15]
  • Yoshuwa: Yesu ni umugabisha w’agakiza kacu. [5:13-15]
  • Abacamanza:Yesu ni umucamanza akanatuburanira [3:9-11]
  • Rusi: Yesu ni Umucunguzi wacu [3:1-8]
  • 1na 2 Samweli: Yesu ni Umuhanuzi w’ukuri [9:9]
  • Abami n’ivyo ku goma: Yesu ni Umwami wacu aganje [1 Ngoma 1:9, 10]
  • Ezira: Yesu ni Umwubatsi w’inzitiro z’ubuzima [4:12]
  • Esiteri: Yesu ni Morodekayi wacu [2:5-6]
  • Yobu: Yesu ni Umucunguzi wacu yamaho [19:25]
  • Zaburi: Yesu ni umwungere wacu [23]
  • Imigani n’umusiguzi: Yesu niwe bgenge bgacu [2:6, 4:6-7,19:20]
  • Indirimbo: Yesu ni umukunzi wacu
  • Yesaya: Yesu ni Umwami w’amahoro [9:6]
  • Yeremiya: Yesu ni ukugororoka kwacu [23:6]
  • Gucurintimba: Yesu ni umuvugishwa aturirira [31:27-34]
  • Ezekiyeli: Yesu ni ishusho zine [Umukerubi, umuntu, intambge n’inkukuma] [10:14]
  • Daniyeli: Yesu ni uwugira kane mw’itanure ry’umuriro [3:25]
  • Hoseya: Umugabo w’umwizihigwa… [2:19]
  • Yoweli: Yesu ni umubatizi muri Mpwemu Yera no mu muriro [2:28]
  • Amosi: Yesu ni Karisho, igisimbo c’amatunda ahishiye [7 na 8]
  • Obadiya: Yesu ni umunyenkomizi mu gukiza [1:9]
  • Yona: Yesu ni uwutuzaniye ubutumwa wa kure [3 na 4]
  • Mika: Yesu niwe yazanyubutumwa n’ibirenge vyiza [4:1]
  • Nahumu: Yesu ni uwatoranijwe n’Imana [1:2]
  • Habakuki: Yesu ni umuvugabutumwa w’Imana [ 3:2]
  • Zefaniya: Yesu ni umukiza wacu [3:17]
  • Hagayi: Yesu yagarukanye akaranga k’Imana [1:13]
  • Zakarira: Yesu ni Iriba ryo munzu ya Dawidi ryugururiye abanyavyaha
    n’abahumanye [13:1]
  • Malakiya: Yesu ni izuba ry’ukugororoka [ 4:2]
  • Matayo: Yesu ni Umwami w’abayuda, abisirayeli [27:37]
  • Mariko: Yesu ni umusuku [9:35]
  • Luka: Yesu ni Umwana w’umuntu [3:38]
  • Yohana: Yesu ni umwana w’Imana [1:34, 3:16]
  • Ivyakozwe n’intumwa: Yesu ni umukiza w’isi yose[5:35,13:23]
  • Abaroma: Yesu ni ukugororoka kw’Imana [3:22, 1:17]
  • 1 Abikorinto: Yesu ni urutare rwakurikiye Isirayeli [10:4]
  • 2 Abikorinto: Yesu ni uwanesheje kandi atanga intsinzi [2:14-16]
  • Abigalatiya: Yesu ni ukwidegemvya kwawe [5:15]
  • Abayefeso: Yesu ni umutwe w’ishengero [3:6,4:15-6]
  • Abifilipi: Yesu ni umunezero wawe [ 4:4-13]
  • Abikolosayi: Yesu ni ukwuzurizwa kwawe [2:10]
  • 1 na 2 Abitesaloniki: Yesu ni ivyizigiro vyawe [1:3,5:8]
  • 1 na 2 Timoteyo: Yesu ni ukwizera kwawe no gutuza [1:2,6:12 (2)2:19, 1:7]
  • Filemoni: Yesu ni ivyiza vyawe [1:4, 1:5,1:9]
  • Tito: Yesu niwe Kuri [1:1-2]
  • Abaheburayo: Yesu niwe gutungana kwawe [11:40]
  • Yakobo: Yesu ni ubushobozi bg’ukwizera kwawe [ 2:17-19]
  • 1na 2 Petero: Yesu ni akarorero n’agahore kawe [ 2:21, 1:5]
  • 1, 2 na 3 Yohana: Yesu ni ubuzima, ukubaho n’igituma cawe [ 1:1-3, 1:12]
  • Yuda: Yesu ni urufatiro rw’ukwizera kwawe [1:20-21]
  • Ivyahishuriwe yohana: Yesu ni Umwami agiye kugaruka [1:7, 19:11, 22:20]
    Nguwo Yesu Kristo ingene umusanga mw’isezerano rya kera no mw’isezerano rishasha. Amen!
  1. IMBURI N’UBUHANUZI NI:
    a) Amajambo y’Imana abahanuzi basoma bagaheza bakayasubiramwo.
    b) Ubutumwa Mpwemu Yera akura k’Uhoraho Imana agaheza akabuhishura abucishije mu bavugishwa.
    c) Ibintu bibi biba bigomba gushika hanyuma ba kamenyi bakabishira ahabona.
    d) Ivyiyumviro vy’ibanga abavugishwa bagerageza gushira ahabona.
    Inyishu kuriako kabazo ni B kuko mpwemu Yera yabira amabanga ku Mana Data akayatuzanira kuko niwe asesa vyose n’ibihishijwe vy’Imana. Ni nawe atunihira iminiho itovurwa mu kudusengera. [1Abikorinto 2:9-11] Kandi nta kintu na kimwe Uhoraho Imana azokora atibiye akabanga abasavyi biwe [Amosi 3:7]
  2. MU MPWEMU ISABATO Y’UKURI NI:
    a) Umunsi ugira indwi wama ushika iminsi yose samedi abantu bategerezwa kuruhuka.
    b) Umunsi w’isabato (samedi) kuva izubaba riserutse gushika rirenze.
    c) kuva ku munsi wa nyuma (vendredi) kumugoroba gushika (samedi) ku mugoroba.
    d) Kuva umunsi wizeye Yesu Kristo, ukihana ivyaha, ukezwa, ukaruhuka imiruho y’ivyaha.
    Inyishu nka bose barayotoye ni D. N’abiyumvira yuko isabato ataho ihuriye n’ivyo impwemu kuko bibaza ngo ni umunsi canke amasaha, barajijuwe nuko ISABATO ari ikimenyetso c’ukwera kw’Imana canke isezerano hagati y’abisirayeli n’Imana.
    [Kuvayo 31:16-17] Yesu Kristo nk’Umwami w’isabato, iyo uri muri we uba uri mu karuhuko kadahera, uba uri mu kugororoka kw’isumba vyose kandi uba washikije isezerano hagati yawe n’Uhoraho. Nico gituma uri muri Yesu Kristo iminsi yose uba uri mw’isabato mu buryo bg’impwemu. [ Matayo 12:8, Mariko 2:23-27, Luka 6:1- 5.]
  3. IHANGA RYERA RY’IMANA RIGIZWE :
    a) N’Abarundi bose, iyo bari hose n’uko bameze kwose.
    b) N’Abantu bose bari mu mugambi w’Imana kuko bizeye Yesu Kristo, bakihana, bakabatizwa bagahabga Mpwemu Yera ubu bakaba barindiriye isezerano.
    c. N’abantu bose bemera kandi bakiyita Ihanga.
    d. N’abantu batazwi kandi batazinanyi kubera rivugangwa ku munwa gusa.
    Ihanga Ryera ry’Imana rigizwe n’abizera Yesu Kristo bagashitsa ukugororoka kwose kandi bakaba barindiriye amasezerano bahawe mu kubaho kw’isi n’isezerano rihambaye kandi ry’intahava yuko Umwami azogaruka kubajana iwe. Inyishu rero ni B kandi turashima cane yuko abantu beshi bayitoye. Bibiliya iratomora neza ingene turi IHANGA RYERA. Hariho ibisomwa vyinshi bitwereka ingene turi Ihanga Ryera nico twahamagariwe dusanga muri [Yesaya 43 :20, Kuvayo 19 :6, Ivyakozwe n’intumwa 26 :18, 2 Abikorinto 4 :6, Abayefeso 5 :8, Abifilipi 2 :15 n’Ivyahishuriwe Yohana 1 :6] ariko dusome muri [1Petero 2 :9-10]
    Umwami Yesu Kristo yamamare !