Imburi ya nyuma yo kwihana, kubatizwa no kwiyeza. Vya bihe biraje.

MURAHAMAGARIWE MWESE UMWE WESE KWISUZUMA YUKO YEJEJWE KUKO IGIHE KIRASHITSE VUBA. Uhoraho Imana y’Ihanga Ryera imaze imyaka itegura abo yatoranije ngo bakwize ishimwe ryayo. Haraciye iminsi yarahagurukije abakozi batandukanye gusemerera ngo abantu bihane kugira ngo bakire uburake bg’Imana. Muri uko gusemerera, harisutsemwo indyadya, abasuma, ababeshi n’abandi bironderera ivyubahiro; bose bagerageza kuvanga ijambo ry’Imana n’ibinyoma kugira […]