Abasuma n’abambuzi barashitse mu ngoro y’Imana, ntimwamburwe.

NTIMUSAHURWE N’ABIBISHA URWENGE ESCROTS BIYITIRIRA INZEGO Z’IHANGA RYERA RY’IMANA.

Hari umuntu yiyita bishop, yitwa Freddy SABUSHIMIKE agenda arabesha abantu ngo niwe ahagarariye Ishengero rya Yesu Kristo/Ihanga Ryera ry’Imana ( Représentant Légal) akaba n’umukuru w’urwego rw’Abungere (Conseil Pastoral) w’Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga ry’Imana; asaba abantu ibigiracumi, amashikanwa n’infashanyo. Nti mwibge ni bamwe bibishwa urwenge (escrot). Arongera akavuga yuko arongoye Ishengero rya Silowamu Ruziba ahandi agahindagura ngo arongoye ayandi mashengero. Akwiragiza amajwi yiwe mu bantu yiyita ibi na biriya. Ubutumwa avuga n’ubgo yigenera kuko ubutumwa bg’Ishengero rya Yesu Kristo- Ihanga Ryera ry’Imana bgose buca kuri Radio Isezerano Internationale. Kandi ivyete vyose vy’Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana bibitswe n’Ihanga nyene. Ivyo Uhoraho Imana ntivyibga. Abo hanze y’igihugu c’Uburundi n’abari mu Burundi mwese aza ararungikira amajwi n’abo ashikira akabarira amateshwa, mwiyubare nti musahurwe. Muzoba mugize neza mu mushikirije iri tangazo iri tangazo muti twaraguhinyuye, ntimwibge. Ubu abasuma n’abambuzi barageze mu ngoro y’Imana. Nico gituma Uhoraho yisidukiye kubidadanura. Umwami Yesu Kristo yamamare!