
UKWEZI KWA RUHESHI (6) UYU MWAKA NI UKWEZI KW’AMASENGESHO KURI TWESE.
Kuva kw’igenekerezo rya 1 gushika kw’igenekerezo rya 30 uku kwezi kwa Ruheshi uyu mwaka wa 2022, umuntu wese wo mw’Ihanga ry’Abarundi agerageze uko ashoboye kwose yitandukanye n’ibimusamaza vyose kugira ngo umuntu ari imbere muri we akomezwe ku rugezo rw’uko ataba akiganzwa n’umubiri wiwe ahubgo abe ariwe awutegeka.
Aya masengesho afatanije n’imyimenyerezo ya mpwemu si ayo amadini n’amashengero mugabo n’ayo umurundi wese kuko hari ikintu gihambaye Uhoraho Imana agomba kw’igisha Abarundi twese uko tungana.
Abo mw’Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana, Ihanga ritegerezwa gukora aya masengesho atari mu buryo bgo kwimenyereza gusa mugabo ari mu buryo bgo kwegera Uhoraho Imana gusumba uko vyahora no kurongora abandi bose muri aya masengesho yo kwisuganya.
- Uwasenga gatatu ku munsi akwiriye kurwiza na kabiri. Turakwiriye kuguma dusenga uko bgije uko bukeye [1Abitesalonika 5:17-19].
- Uwizera wese yibuke kandi yegeranye ico yavuganye n’Uhoraho Imana ku giti ciwe kuko igihe ciwe co gutabarwa kirashitse. Hariho abaguye bakabivamwo bagashaka no gutesha abandi intumbero, hariho n’ivyiyadukiza ngo amasezerano Imana yahaye Ihanga ry’Abarundi ntabaho; hamwe n’ivyigenze vyiyimitse bikanagoreka ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo. Ivyo vyose n’ibikoresho satani yahagurukije ngo bibace inkokora. Hagarara kuco wabariwe. [Yesaya 55:11].
- Bibiliya ni igitabo c’Ijambo ry’Imana ki gizwe n’amasezerano: irya kera n’isezerano rishasha. Ibitabo 66 bigize ico gitabo ceranda navyo vyuzuyemwo amasezerano arenga 8.810 kandi muri ayo masezerano, ayangana 7.487 ni amasezerano Uhoraho Imana yasezeraniye ikiremwamuntu. Abo bigisha ngo dufise isezerano rimwe gusa ryo kuja mw’ijuru kubga Yesu Kristo, barahubutse canke satani ntiyabanje kubategura bikwiriye. [Itanguriro 27:28]
-Amasezerano y’igihugu c’Uburundi gitemba amata n’ubuki ni ayanyu. Amasezerano yo y’umuriro wa Mpwemu Yera wo gutwara umuvyuro n’ikanguro hose ni ayanyu. Abantu ataco bavuganye n’Uhoraho Imana ntibabahuvye. Usanga bafise izindi ntumbero ariko bazogaragara. Ni mwitandukanye n’abameze batyo[Yohana 1:5, Abayefeso5:8]
-Imana yavuganye natwe ni inyakuri, ni Uhoraho, ni Yesu Kristo, ni Mpwemu Yera. Iyo Mana Ihoraho niyo yirirwa iravugana natwe ijoro n’umurango. Iminsi yose, hirya no hino mu gihugu no mu mahanga Mpwemu Yera aguma aduha bishasha kandi bihuye. Aguma atanga pas nzozi n’inyereko. Aguma atanga ubuhanuzi n’imburi kanatsinda abarongorwa na Mpwemu Yera nibo bana b’Imana [Abaroma 8:14]
Aya masengesho twinjiyemwo y’ukwezi kwose kwa Ruheshi (6) agutegurira kwakira amasezerano yawe. Uhoraho Imana araje adatinze gushitsa ivyo yagusezeraniye vyose. Usabga kwisuganya kugira ngo uvyakire.
Azokurinda mu mahwa asongoye, azokurinda mu mvura n’ubunyerere, azokurinda mu mivo n’inzuzi zuzuye, azokurinda ku ruzuba no mu muriro.
Uhoraho Imana azogutunga mu gihe ca kigoye no mu gihe c’inyota. Azokuba hafi mu gihe c’urwanko no mu gihe c’uruhamo. Azobana nawe mu gihe c’intambara no mu magorwa. Azogukingira abansi bawe bakubure bakubona. Ugurura akanwa kawe ugire uti amen, Umwami Yesu yamamare!