Ibigiracumi, imperezwa n’amagaranga y’inyubako ni ibitsitaza kuri benshi.

NTIHAGIRE ABABIKOREZA IMITWARO Y’IBIGIRACUMI IMPEREZWA N’IBINDI BIKORWA UMWAMI YESU KRISTO YAMAZE KUBATURA.

Muri iyi myaka turabona irwirirana ry’amadini, amashengero n’imirwi y’abantu basenga atari uko batinya Imana mugabo bavuga ubutumwa bakanasenga kugira ngo bakure ubutunzi mu bantu.
Bamwe barakoresha igitsure, iterabgoba n’umuhindagizo mu bantu kugira ngo babakuremwo ibigiracumi, amashikanwa, infashanyo, inyubako ibi na biriya ku buryo abizera benshi bari mu maganya n’amagorwa.
Gutanga ikigiracumi n’imperezwa sivyo bizokujana mw’ijuru kandi nta n’ico bizokumarira, kanatsinda si n’icagezwe duhabga n’Umwami wacu Yesu Kristo. Benshi bazogusomera Malakiya 3:10 ( kuzana ikigiracumi gishitse mu ngoro y’Imana nayo izocuncumura imigisha wobura aho uyikwiza) abandi bazogusomera Abalewi 27:30-34 ( yuko icacumi cose c’ivyo wimbuye ari ico Uhoraho).
Uhoraho Imana ntakenye ku buryo yokwotsa igitutu abantu ngo bamuhe ikigiracumi n’amashikanwa kugira ngo ntibazoje mu muriro canke uwivuga ngo niwe ufise ico ukoresha ubgo butunzi ku rusha abandi. Ijambo ryahamagarira abantu gutanga kugira ngo abalewi bakora ibintu vyo mu rusengero baronke ingene babaho kandi babeshaho n’imiryango yabo. Ubu igikorwa c’abalewi ntikikiriho mu mashengero.
Mpwemu Yera yararivumereye yuko Imana itanezerererwa ivyo abantu batanga ku kimoko mugabo abatanga ivyo imitima yabo yagambiriye kubera urukundo bafitiye umurimo w’Imana kandi bagatangana umunezero, 2Abikorinto 9:6-7.
Ntihakagire rero umuntu arazwa kurya musonga n’ibisuma n’abambuzi binyegeza mu bizera bironderera Imana, uko bakoranye bavuga ngo zana ibi na biriya, zana ayo kwubaka,zana zana… kuko ivyo sivyo Umukiza Yesu Kristo yatumye intumwa ziwe.