Imburi n’ubuhanuzi ku basenga ibigirwamana n’abahamagara abazimu.

IMBURI N’UBUHANUZI KW’IHANGA RY’ABARUNDI : IBIGIRWAMANA N’IMIZIMU IRABAKWEGEYE KO MWANSE KWIHANA.

Abarundi ni Ihanga ryatoranijwe n’Uhoraho Imana kandi barabimenyeshejwe ariko baranse guhitamwo gukora ivyo Imana ikunda.
Ijwi ry’Uhoraho Imana ryanjeko riti mwana w’umuntu, subira uburire ubganyuma Abarundi bari mu gihugu n’abari mu mahanga. Uti: « ko mwanse kuvavanura n’ingeso zo kwikorera ibigirwamana no kuvyikubita imbere, mukanka guheba guhamagara imizimu y’abapfuye mu kubaninihaza, kuraguza, kugendana ibiheko n’ibindi bizira; icago mutazitura kibashitseko giturumbuka.»
[Kuvayo 20:3-5 na Gusubiramuvyagezwe 18:10-14]
Iyi mburi ishikirijwe abantu bari mu madini n’amashengero akoresha ibishushanyo akabipfukamira, agahamagara imizimu y’abapfuye ngo ni aberanda canke agakoresha ubushobozi bg’umwijima.
Iyi mburi yerekejwe kandi ku bategetsi b’igihugu basenga muri ayo madini yikubita imbere y’ibishushanyo, bakanisuka mu migirwa yo kuninahaza imizimu y’abapfuye, abapfumuza n’abakorera ku biheko.
Abagira gatatu ni abanyagihugu basenga ibigirwamana, abaragura n’abaraguza, abahamagara imizimu n’abagendana ibiheko ngo ni ukwikingira canke babikoresha mu zindi ntumbero.
Umuntu wese agendera muri ivyo bizira Imana yanka asabge kwihana hakiri mu maguru masha atararigatwa y’inkota y’Uhoraho Imana kuko yarabahaye igihe gikwiriye co kwisubirako kugira ngo ihumanure igihugu cacu.