Amasengesho yo kwisonzesha y’iminsi 3: ni musige amaraso y’umwagazi w’intama ku bishimaryango.

AMASENGESHO Y’IMINSI 3 YO GUSIGA AMARASO YA YESU KRISTO KU BISHIMARYANGO VY’INGO ZACU.

Nkuko musanzwe mubizi, Ihanga Ryera ry’Imana risanzwe riri mu kwezi kw’amasengesho. Iminsi 30 igize ukwezi kwa Ruheshi (6). Abantu bose begereye Uhoraho Imana mu kwiyeza, ugusenga n’ukwinginga ku munsi ku munsi.
Muri iyi minsi 30 nyene, Uhoraho yaduhaye iminsi 3 ni ukuvuga kuwa 18-19 na 20, kuba iminsi yo gusenga twisonzesheje ata kurya no kunywa. Turiyeza gusa, dukomanga mw’ijuru.
Twabariwe yuko ari n’iminsi igereranywa no gusiga amaraso y’uburinzi ya Yesu Kristo ku bishimaryango vy’amazu y’ingo zacu kugira ngo Malayika murimbuzi ni yaza aho dutuye ace arengana abonye ikimenyetso c’amaraso. Bibgirwa benshi bigatahurwa na benevyo.
Twese ata n’umwe avuyemwo twitabire aya masengesho kugira ngo twumve ico Uhoraho Imana avugana natwe kandi turonswe ubgo burinzi kuri twebge no ku bacu.
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo Yamamare !