Amasengesho yo kwitanga ariko aragenda neza twinjiye mu munsi ugira 2 kw’isi yose.

IHANGA RYERA RY’IMANA-ISHENGERO RYA YESU KRISTO RIRI MU MASENGESHO KANDI RYINJIYE MU MUNSI UGIRA KABIRI WO KWITANGA.

Nk’uko usanzwe mu bizi, w’Ihanga Ryera ry’Imana riri mu masengesho y’ ukwezi kwose rikaba ryinjiye ku munsi ugira 19. Ariko muri ayo masengesho hariho iminsi itatu twahawe kumara twese atawuvuyemwo twisonzesheje atawurya kandi atawunywa kuko ni urutonde rw’ijuru. Hariho ibituma Uhoraho yabigize uko.
Muri ayo masengesho yo kwitanga y’iminsi 3, twese ubu turinjiye mu munsi ugira kabiri kandi kw’isi yose biriko biragenda neza. Amashengero n’ibicaniro biri mu gihugu no mu mahanga, abariko barasenga ku giti cabo; twese hamwe twahezagiwe kandi Mpwemu Yera akomeza kuduhishurira amabanga menshi y’ikuzimu, kw’isi no mw’ijuru.
Hose batanze ivyegeranyo kandi biriko biragenda neza. Abantu batuvuyemwo bagakurikira uwazimiye, uwivumbuye kubera ubgibone n’inyosha mbi ya satani; abantu bakiriye inyigisho z’ibinyoma n’abagize intege nke bagasubira inyuma, bose basabge kwigarura umwe wese kugiti ciwe hatararengerana. Umumarayika w’Imana yururutse abazaniye umwambaro wera no gushirako ikimenyetso c’amaraso ya Yesu Kristo ku ngo zabo. Satani ntaguhende ngo aho uri hose ni sawa. Oya namba, utegerezwa kuba uri muri Yesu Kristo neza kandi uri muri beneData bari mu mugambi w’Imana. Ntuhendwe ngo uze wicuze.