
AMARASO Y’UBURINZI YA YESU KRISTO ARI KU MIRYANGO Y’ABAMBAJE UHORAHO BOSE KANDI BAHAWE AMAHORO N’UMUNEZERO.
Turi kw’igenekerezo rya 20/06/2022, aho Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana rirumije iminsi 20 y’amasengesho y’ukwezi kwose kwa Ruheshi, rirakwije kandi iminsi 3 y’amasengesho yo kwitanga ryisonzesheje ritarya kandi ritanywa na mba kubera ari icagezwe Mpwemu w’Imana yatanze kubgo umugambi w’Imana. N’abatahora bashobora kwisonzesha iki gihe babishobojwe.
Aya masengesho y’amapfungo yitabiriwe n’ibicaniro 316 hamwe n’imiryango myinshi n’abandi isinzi bayakoze ku giti cabo. Abarundi isinzi iyo bari hose ku mubumbe w’isi bakoze aya masengesho. Ni rya sezerano twahawe yuko Uhoraho yatugize Ihanga rikomeye kandi yahaye umugisha. Amahanga yose agiye kubibona atangare. Ikigeretseko n’uko imiryango yose yahawe uburinzi , amahoro n’umunezero kandi tuguma duhishurirwa amabanga menshi cane yo mw’ijuru, hano kw’isi n’ibgina ikuzimu. Haragowe ba sindabibazwa, ibihemu, ababeshi, abibone, abakoresha imizimu, ubupfumu, abanse kwihana n’abavuga Imana ku karimi gusa.
Yesu Kristo Yamamare!