

Abatabizi bagiye kumenya yuko Uhoraho ari Imana y’Ihanga Ryera, Ihanga ryatoranijwe na Yehova kugira ngo rikwize ishimwe ry’iyariremye.
Yesu Kristo ni Umwami w’abami, Uhoraho, Emanuweli, Umwami w’amahoro kandi yuko ubutware bgose buri ku bitugu vyiwe.
Niwe agiye kwima ingoma mu gihugu c’Uburundi ahindure ivyakera vyose, ashiteho bishasha. Agiye gusenyura ivyigira agahambaye ashiteho ivyiyoroheje abantu bose batangare.
Impunzi zose zigiye gutaha, impfungwa zose zitezurirwe, abashonje bahazwe, abakene bikenure, abarwayi bakire kuko Jehova Shamah ariryo zina ryiwe.
Ibintu vyose agiye kubikoresha ukuboko kwiwe kw’inkomezi nk’uko vyose yabihanuye abicishije mu bavugishwa nayo batandukanye. Uwutizera ijambo ry’Imana ni yifate ku mutima kandi yitangire itama, ariko uwuvyizera n’avuge ati Amen!
Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo ni yamamare hose!