
IHANGA RYERA RY’IMANA AHO RIRI MU GIHUGU CACU NO KW’ISI YOSE RIGIRA RIRANGIZE AMASENGESHO Y’IMINSI 30 YA RUHESHI 2022.
Wabaye umunezero nta ngere kuguma imbere y’Imana iminsi 30 dusenga uko bidasanzwe twezwa, tuvugutirwa kandi tuguma twibirwa amabanga yo mw’ijuru, aya hano kw’isi nayo ibgina ikuzimu. Mw’izina rya Yesu Kristo, turashimiye Mpwemu Yera yagendanye natwe umunsi ku munsi, isaha kw’isaha n’umunota ku wundi.
Turashimiye na beneData bose bifatanije n’Ihanga ryose muri aya masengesho adasanzwe.
Hagati muri aya masengesho Uhoraho Imana yadutegetse kumara iminsi ya 18-19-20 ataco turiye canke tunyoye. Iyo minsi 3 ryabaye itekaka rinini kuri twebge twese abayakoze. Uhoraho yatubariye amabanga aca atubuza no kugira uwo tuyacira agace. Imana y’Ihanga Ryera irahambaye mwa bantu mwe. Abarundi n’isi yose bagiye kwibonera utwumiza, ibitari bgabeho mu mateka y’isi.
Mu ncamake, Uhoraho araje kwiyerekana mu buryo budasanzwe, butangaje kandi busiga ubgenge bg’abantu mu Barundi no mu Burundi. Ivyo bigiye gukoreka kugira ngo abantu bose bamenye yuko Abarundi ari w’Ihanga ryatoranijwe n’Uhoraho Imana.
Kuri uyu munsi wa nyuma wa Ruheshi, turatazira Imana, tuyigine, tuyitambire twongere tuyishimire yuko ishikije amasezerano. Ni muze mwifatanye natwe mu gushima Uhoraho Imana y’Ihanga Ryera. Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yamamare hose!