
KAZE MWESE MW’IHANGA RYERA RY’IMANA MUNEZERERERWE IVYASEZERANYWE
Ihana Ryera ry’Imana ni Abera, abatoranijwe bahawe Isezerano ry’intahava. Ni Ishengero rya Yesu Kristo ritegura umugeni.
Ntimuhendwe n’inyigisho z’ibihendabaja: zigizwe n’amajambo meza menshi mugabo atagira ubugingo.
Bakoresha amajwi y’amacurano, bakayabongeka kugira ngo bagukwegeshe akarimi mugabo batagushikana ku gakiza gashitse.
Ntugakurikire umwana w’umuntu, inyigisho ziwe canke ubuhanuzi bgiwe, kurikira ijambo rya Yesu Kristo urongorwe na Mpwemu w’Imana.
Benshi ni abasukanyi bafise ishusho yo kwubaha Imana ariko imbere muribo ari amabingira.
Bamwe bagukwegesha ubutunzi n’ugufashwa, abandi bakagukwegesha amajambo yabo bitirira Uhoraho Imana. Suzume abigira abakozi badafise igishingantahe kizima. Mw’iriba rimwe ntihashobora kududubizamwo amazi asosa n’ayarura. [Yakobo 3:1]
Benshi batambikije mu madini n’amashengero kuko bankiye Mpwemu w’Imana kubarongora naho nabo nyene badasiba kuvuga ivyo uburongozi bga Mpwemu, n’Ishengero rya Kristo Yesu barivuga ku karimi gusa kuko niko kabatanduka na Roma na Maka. Ni ibicu bitagira imvura bikuberwa n’umuyaga kandi usanga ari amariba atagira amazi. [2Petero 2:17]
Vyoba bibabaje cane utamye ugatamira ubusa kubera uruhendo no gusukwa n’ivyiyitirira Imana atarivyo. Ibisa n’umuhondo vyose s’inzahabu kandi n’ivyera vyose s’amata.
Uwuri mu Mana, yakiriye Yesu Kristo akamubera Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgiwe ntatambikiza canke ngo atambatambe mu madini n’amashengero y’abandi. Arashikama agashira amanga mw’Ishengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana kuko aba azi uwamuhamagaye n’uwo akurikiye yuko adahinduka. Ukurikiye inyererezi uba nyamujiryanino ukarwa muri wa mutego w’inzira zibiri zananiye impyisi igatabukira mu mayirabiri. [Yuda 1:12]
Izo mpwemu zo zitatura yuko Yesu Kristo ari Uhoraho zirahumanye nta n’uwozitako umwanya atari ugusengera intama zanyegeyemwo ngo zibohoke.
Hagarara wemye wamamaza Uhoraho Imana yigize umuntu agacungura abaremwe bose, akaba n’ubu agiye kugaruka kwima ingoma. Umwami Yesu Kristo yamamare!