Satani ariko ararondera uburyo bgose abiwe bose boronka ikimenyetso nk’uko ab’Uhoraho Imana bose bafise Mpwemu Yera.
UMUKRISTO WESE ASABGA KUTAJANA N’IMIYAGA YOSE IHUHUTA MUGABO KWAMA ASIGUZA MPWEMU YERA AKAGENDANA N’IHANGA RYERA RY’IMANA. Mwame muri maso kugira ntimuhendwe n’abicura iki na kiriya, abigira ba kamenyi b’ivyagezwe na cane ivyo abanyamadini. Imana yaguhaye Mpwemu Yera ngo aguhishurire ikintu cose na cane cane icokubuza kuja mw’ijuru kandi uri uwejejwe.Bazokubgira umunsi w’amakoraniro, bazokubgira urucanco, bakubgire […]