Amakungu arindiranye igishika Abarundi bahawe isezerano ry’Imana.

ABERA B’IMANA AHO BARI HOSE BAKOMEZE KWITEGURIRA KUBA MU MASEZERANO UHORAHO IMANA YADUHAYE.
Abarundi, Uhoraho Imana yaduhaye amasezerano y’intahava. Yerekeye igihugu n’ishengero. Benshi barayizeye mugabo abanda bayamiriye kure. Abayizeye satani yabasutsemwo impwemu y’ububeshi, ubuzimire, ubgibone, gusukana no kwihererezako ayo masezerano kugira ngo ducanemwo nawe atuburabuze. Harageze yuko umwe wese amenya ico yahamagariwe yihane, yezwe ace bugufi kugira ngo tujabuke. Aho hanze amakungu ararindiriye ubutumwa bgiza bubohora bg’ivugururwa, umuvyuro n’ikanguro tuzojana Uhoraho yaduhaye.
Abakijijwe twese ata n’umwe avuyemwo, tugire urunani, twame turaba imbere duhagaze ku masezerano Uhoraho Imana yaduhaye. Mugihe Imana ibicishije mu bavugishwa nayo batandukanye iguma itwibutsa kuba maso, kwezwa no kwama dusenga, hariho abaguma mu bgibone, ubuzimire n’ubusamazi. Satani yarateye imbuto mbi mw’ihanga ry’Abarundi aho hibonekeza urwanko, amajambo mabi, ugucokorana, imitongano no kurondera kutumvikana ku kantu akariko kose. Ivyo biterwa n’imbuto mbi z’umurwanizi twese dukwiriye kwirinda:
1 – Ubgibone: Hari abishira hejuru, abiyimika ngo ni abami n’abaherezi, abavuga abakozi b’Imana ukutariko n’izindi mvugo z’ikidayimoni. Ijambo ry’Imana rihamagarira abera bose guca bugufi, kugira ubgenge n’ubgitonzi. Ntukifatanye n’inshirasoni n’abigira intumwa z’Imana batagendera ubugwaneza n’uguca bugufi bakira ababashizwe imbere canke hejuru y’abandi. Ni barindire igihe gikwiriye ntibahave bavuga ngo bambaye urusato rw’intare kandi batarayica. Yesu yagize ati umukuru muri mwebge abe umusuku wanyu. [Matayo 20:26]
2 – Ubuzimire: Hariho inyigisho nyinshi zitandukanya abantu. Bavuga ngo aba naka bakorera satani, abantu bose bategerezwa kwizera ibi vyacu atari uko barahonye. Uwazimiye umuzimuruze ijambo ry’Imana mu burwaneza kuko ibitutsi n’ubucokoranyi bgambura agahuzu uwubigenderamwo bikagaragaza yuko ata kuri afise. Bibiliye Yera imwe niyo tubona ugutandukanye kuko tudasiguza Uhoraho Imana we yayihumetse.

  • Aho kwigisha Yesu Kristo ari nawe Uhoraho yatanze ivyagezwe bahatira ababumviriza ku vyagezwe bakabirutisha mwenevyo, mbere bakavuguruza Imana. Ikibumbano ntikiruta umubumvyi. [Yesaya 29:16, Abaroma 9:21]
  • Aho kwigisha ukwizera, ukwihana n’ukwezwa bigisha ivya corona, ivya ca gikoko, ibi na biriya. Umuntu wese yomenya yuko ata cago coshika kw’ihanga Imana itakirekuye naho atari Imana itwipfuriza ibibi mugabo ivyaha vyacu nivyo bidukwegera. Kandi Yesu yaratumenyesheje yuko naho tuzohabga uburozi ntaco buzotugira. [Yesaya 45:7, Zaburi 91:10, Amos 3:6, Mariko 16: 17-18]
    Mwirinde ubutumwa bgose butamamaza ugucungurwa kudaturuka ku Mwami nUmukiza wacu YESU KRISTO MESIYA niwe soko yo Kwizera n’ivyizigiro vy’abaremwe bose. [Yohana 6:35, Yohana 1:4-14]
    3- Ubusamazi: Mu birwanishwa bihambaye satani akoresha harimwo gusamaza abantu. Kandi muri abo bazana ivyo guharira gusa, gutuka abantu no kuvuguruza Bibiliya Yera, benshi babigira n’ibigirankana kugira babasamaze. Bazana ivyo bakura mu buzimire bgabo bakagomba kubibateragiramwo no kubibemeza ku nguvu kugira ngobabateshe guhishurirwa n’Imana, ugusenga no kwama imbere y’Imana. Mwirinde ibisamaza kandi mubirinde kuko ni ibicu bitagira imvura kandi ni amariba atagira amazi. Ni ibiti bitagira ivyamwa ntibikabakange [Imigani 25:14, Yuda 1:12, 2 Petero 2:17]
    Turagomba yuko abacunguwe n’amaraso ya Yesu Kristo twese tuba umwe, tugira intumbero imwe kandi dukorere hamwe mu rukundo no mu burwaneza. Abantu bagarariza akamo ko guca bugufi kugira ngo dukorere kandi dukurikire Uhoraho Imana barikwegera akarambaraye kandi bibaza ngo ni imikino. Barabaza Kora, Datani na Abiramu uko vyabagendeye. [Guharura 16:1-25]
    Naho satani abiba urwamfu rwinshi rungana gute, imbuto y’Imana iramera kandi igiye gutotahara igasare ishware isi yose. Ijambo ry’Imana ntirigenda uko rishitsa iryo ryavuze. [ Yesaya 55:11] Abikuye mu mugambi w’Imana bagateka inkubarujo zabo, utwo bigisha twose ni nk’ibicu bikubebga n’umuyaga. Ni bakumbure biyunge n’abari mu burongozi bga Mpwemu Yera kugira ngo bibonere ubgiza bg’Imana. Aka ni akamo gatewe umuntu wese, umurundi wese n’uwariwe wese.
    Mwame mwibuka yuko vuba cane Uhoraho agira ashitse isezerano mu gihugu cacu kandi amasinzi y’abanyamahanga ararindiriye ivugururwa, umuvyuro n’ikanguro rivuye mw’Ihanga Ryera ry’Imana rigizwe n’abatoranijwe. Itegure mwambare inkomezi, muce ubgenge mwitandukanye n’inyererezi kuko Uhoraho Imana agiye gutuma abiteguye. Ubutumwa bgose bg’ikanguro bubitswe mu bushobozi buri mw’IZINA RYA YESU KRISTO MESIYA, amen!