
INYIGISHO ZOSE N’IBIKORWA VYOSE BIDASHINGIYE KURI YESU KRISTO NI UBUZIMIRE NO GUTA UMWANYA W’UBUSA.
Mugihe Abarundi bitegurira kuba mw’ivugururwa, umuvyuro n’ikanguro nk’uko vyasezeranywe n’Uhoraho Imana akatwirobanurira nk’uko yari yaritoranirije abaheburayo; ubuhanuzi bukomeza kwururuka buvuye mw’ijuru budukangurira kwambara ibirato vy’ubutumwa bgiza bg’umusaraba.
Uhoraho Imana akangurira abizera bose kuba inderetsi n’abatasi b’ubgami bga Yesu Kristo kuko igihe kiriko kiregereza. Amashengero yose, imirwi yose canke umuntu wese inyigisho n’ibikorwa bidashingiye kuri YESU KRISTO, ukwihana ivyaha, ukwezwa n’ukwuzuzwa Mpwemu Yera; izo nyigisho si izo ukuri kandi n’ibikorwa vyabo vyose n’impfagusa.
Uba umwana w’Imana aruko wizeye Yesu Kristo, ukihana ivyaha vyawe, ukezwa maze ukarongorwa na Mpwemu Yera, nta kindi. [Abaroma 8:14]
Mube maso ntihagire uwuzimizwa, uwunyerezwa canke ngo asamazwe n’abahagarara ku murongo, ku migenzo canke ku kandi kantu ngo agukure ku gukurikira no gukorera Yesu Kristo wenyene. Nta kindi kibaho cogukiza mw’isi no mw’ijuru atari Umwami n’Umukiza Yesu Kristo.
Niwe wenyene aharira ivyaha vyose,
Niwe wenyene akiza indwara zose,
Niwe wenyene azogutabara amagorwa
Niwe wenyene agushoboza kugororoka
Niwe wenyenye aguha Mpwemu Yera
Niwe wenyene azokuzura mu bapfuye
Niwe wenyene aguha amahoro.
Niwe wenyene, niwe wenyene yitwa YESU KRISTO, MESIYA, UHORAHO uwuriho, yamyeho kandi azokwamaho.
Uwariwe wese akuzanira ubutumwa budashingiye kuri KRISTO YESU uramwigizeyo ntakubuze kwambuka. Izina ry’Umwami Yesu urijane aho uja hose. [2Abikorinto 2:14]