Evelyne wo mu ntara ya Makamba yaraye atabawe n’izina rya Yesu Kristo.

IMANA DUSENGA SI IKIGIGWAMANA KANDI SI IVYIYUMVIRO VY’ABANTU NI IMANA IVUGA KANDI IKORA IGATABARA MW’IZINA RYA YESU KRISTO.

Abarozi n’abapfumu barakora ivyabo kandi abantu iyo batamenye yuko mw’izina rya Yesu Kristo ririmwo ubushobozi butabara abagowe, bubohora imbohe bukakiza ingwara ; abo bantu barapfa kubera ukutamenya. Imana yavuze yuko abantu bayo bishwe n’ukutamenya [Hoseya 4:1]
Satani, abadayimoni n’ibikoresho vyabo nabo ntakindi bakora atari ukukwigisha ibinyoma, ukugusamaza no kukwibagiza ukuri. Kuko iyo umenye ukuri nakwo kuca ku kubohora. [Yohana 8:31-32]
Ukwo kuri n’uko atarindi zina ryo gukirizwamwo ikuzimu, mw’isi no mw’ijuru atari izina rya Yesu Kristo. Ni izina ryonyene[ Ivyakozwe n’Intumwa 4:10-12]
Ngiryo ibanga kandi nguko ukuri. Ububi bgose bushaka kugukura kuri iryo zina. Abadayimoni bose bashaka kukwibagiza iryo zina. Imburabgenge zizokubgira ngo Yesu si Kristo kandi Kristo si Yesu, banguha. Kristo risigura Mesiya ariwe Yeshuwe nkuko abaheburayo bakivuga.
Muri iryo zina ibiri mw’ijuru, ibiri kw’isi n’ikuzimu birapfukamika amavi yavyo. [Abifilipi 2:9]
Evelyne wo mu ntara ya Makamba yaraye atabawe n’izina rya Yesu Kristo. Baramuroze ararwara inda ikavyimba akaguma aza aribaruka ibiboho. Yaragiye mu bitaro bikuru bikuru vyinshi mugabo nta numwe yamufashije, gushika rya zina rya Yesu Kristo rihamagawe n’abera bari ku gicaniro c’amasengesho.
Uyo Evelyne abarozi bamushizemwo ibintu vyinshi vy’umwanda. Ivyo bintu yarabimaranye imyaka itatu inda yaravyimvye nk’uwibungenze mugabo Imana iramutabara kubera amasengesho y’abera. Uyu munsi aridegemvya. Imana yonyene, yirungikiye umumarayiko wayo ara mukora abandi bose yabanje kubasohora. Twaciye twibuka uwundi yitwa Serge aba ibubanza yagiriwe ugukorwa (operation) y’ingwara y’umutima n’umumarayika. Uravye ibintu vyaraye bimuvuywo uca ubona yuko abakozi ba satani ari abaja.

2 commentaires sur “Evelyne wo mu ntara ya Makamba yaraye atabawe n’izina rya Yesu Kristo.

  1. Ndatanze bwakeye kuri mwese ndanabipfuriza umwaka mushasha mwiza.
    Iyi nkuru igaragaza neza ibikorwa vy’amaboko y’Imana kweri, ugutabarwa k’uyu muntu birimwo ububasha bukomeye bw’Imana Yacu twizeye. Bitubere inyigisho ikomeye kandi bidutere intege twebwe abizeye iryo Zina vyongere binabere urufatiro rwo gutahura ko Imana Iriho kandi Ikora kuboba batarakira Umwami wacu Yesu Kristo nk’Umukiza w’ubugingo bwabo,bihane, bamwakire kuko atahandi hashoboka ubuzima atari muriwe.

    J’aime

Les commentaires sont fermés.