Ingene wo kwigobotora mu vyaha vya satani ukaba uwidegemvya.

INZIRA Y’UKWIGOBOTORA IVYARA VYA SATANIAbantu benshi barazinzwe kandi barakubagurwa n’impwemu zitandukanye zikababuza amahoro bakabura inzira yo kubohoka. Hariho bamwe baja mu vyumba vy’amasengesho canke mu bakozi b’Imana ngo babasengere kugira ngo baruhuke, hamwe hamwe birabakundira mugabo ahandi bikanka kuko hariho abagukuramwo impwemu ihumanye bakaguteragiragiramwo nyishi mbi kurusha. Abandi barabona yuko bageramiwe bakagerageza kuvyikuramwo bakoresheje inguvu […]