
IBIMENYETSO VY’IBIHE BIGUMA VYIYEREKANA KU MUNSI KU MUNSI
Rya shirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu vyose ryitwa ONU ryubakiye igisanamu c’igikoko bavuga yuko arico gihagarariye amahoro n’umutekano kw’isi. Ico kimenyetso c’ico gikoko c’ubakiye mu kigo c’iryo shirahamwe ni ho abategetsi batanduka bava mu mpande zine z’isi baja kwifatishiriza amasanamu bakiraba kandi bakagishima yuko giteye igomwe.
Ubuhanuzi buguma bushika mu maso yacu kandi abafise amaso y’impwemu baratahura icarico.
Umuvugishwa n’Imana Danieli yareretswe ivy’ico gikoko n’umuvugishwa n’Imana Yohana nawe nyene yaraceretswe.
« Icambere casa n’intambge kandi cari gifise amababa nk’ayinkukuma…» [Daniel 7: 4 na Ivyahishuriwe Yohana 13:2]
Abera bose bitegurire ingingo z’ifatirwa muri iryo shirahamwe kandi banirinde kwifatanya n’ico bita ngo ni amasengesho mpuzamadini (Prières Oeucumeniques)aho amadini n’amashengero bahura ngo bariko barasenga « imana» batazi. Ivyo vyahawe ububasha bgo kubarwanya.
« Gihabga Abera no ubanesha, kandi gihabga gutwara imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose z’amahanga yose » [Ivyahishuriwe Yohana 13:7]
Uwuri n’amaso ni yirabire kandi uri n’amatwi yo kwumva ni yumve hanyuma atahure.