Urutonde rw’amasengesho: Tugeze ku munsi ugira 2 w’alasengesho twisonzesheje.

URUTONDE RW’AMASENGESHO YO KWITANGA 18-12-21 URUFATIRO
Tugiye kuvuza inzamba kandi twihe akamo kuko inganji ya Kristo Yesu yashinzwe ubudakuka mu gihugu cacu c’Uburundi kandi twahawe isezerano ryintahava ku gihugu no kw’ishengero.
“N’uko za nzamba zivuze, abantu baca biha akamo: Mbere bacumva ijwi ryazo, baciye biha akamo icarimwe, inzitiro zica zihomvokera hasi, abantu baca bararengagira, bitera mu gisagara, umuntu wese aho yaratumbereye barakinesha” [Yosuwa 6:20]
Uyu munsi dutanguza amasengesho indirimbo ya 88 : Yanyishuriye ya myenda yose n’indirimbo ya 186 : Izina ry’Umwami Yesu niryo ryokuremesha.
Ni umunsi wa kabiri w’amasengesho, igenekerezo rya 18/12/2021 ni umunsi wo GUSENGERA IMITWARO itandukanye. [Matayo 11: 28-30]
IMITWARO MUKURU DUSENGERA

  • Ugusambuza ivyo amangetengete, amareba n’ubupfumu.
  • Ugusengera abarwayi n’abafise imitwaro itandukanye.
  • Ugusengera abana bato, abagendana ubumuga n’abahumuye. – Ugusengera amasezerano y’umuntu wese n’ay’igihugu cacu.
  • Ugusengera indyane zo mu mashengero zitabagura imitima.
  • Ugusengera imitwaro y’ubukene, inzara, amagwara n’akazi. -Ugusengera imitwaro y’umwumwe wese.
    -Ugusengera abarongozi bo mw’Ihanga Ryera ry’Imana. -Ugusengera imitwaro abazanye yo hanze y’ibicaniro.
    Mw’izina rya Yesu Kristo dusenga vyose birashoboka, inzitiro za Yeriko zirasenyuka.
    Kristo Yesu yamamare!