Ibikorwa vy’impfabusa vyose mu gihugu cacu bishizwe kw’iherezo

UHORAHO YARANGUYE GUKORA IBITABGAZA KANDI YAHISHUYE AMABANGA MENSHI.

Kubera aya masengesho y’iminsi itatu turimwo, uyu munsi tukaba turi ku munsi ugira kabiri dusenga twisonzesheje. Amasinzi y’abantu kw’isi yose yitavye aya masengesho barisonzesha kandi biyeza.
Mu gihugu cacu hari benshi cane bariko barasenga mu ntara zose. Hariho abantu benshi bavuye mu madini n’amashengero yabo bahitamwo kwibera muri Yesu Kristo bigatanya n’Ihanga Ryera ry’Imana. Badushingiye intahe yuko batari bgumve uburyohe bgo kuba imbere y’Uhoraho Imana mu Mpwemu no mukuri. No mubindi bice vyo kw’isi, mu bindi bihugu hirya no hino amasengesho arabandanya mu munezero.
Kuri radio isezerano internationale hariko hararengana ibiganiro vy’ivyavuye muvyo Imana yahishuriye abari ku mavi.
Wewe nawe ufise ibibazo, amarira, imitwaro yo mw’ibanga… bizane tubiduze mw’ijuru utabarwe. Ifatanye n’Ihanga Ryera ry’Imana ntukundire satani yuko agusamarisha utujambo tw’imburakimazi.