Ku munsi ugira 2 w’amasengesho turaranye amashimwe menshi.

IHANGA RYERA RY’IMANA N’AMASINZI Y’ABARUNDI BUBAHA IMANA MURI RUSANGI DUFISE AMASHIMWE MENSHI.

Nk’uko mwabimenyeshejwe, turi mu bikorane vy’amasengesho y’iminsi itatu mu gihugu cacu c’Uburundi no kw’isi yose. Amasinzi n’amasinzi yaritabiriye akamo ka Mpwemu Yera, ibicaniro bishika 187 biruzura, benshi baca baja gusengera mu mihira yabo gushika naho abajejwe intwaro bamwe bamwe vyabateye akoba bati ibi ni ibiki bibaye!!! Inyishu bahawe n’uko Umwami w’abami Yesu Kristo ariko arerekana yuko intsinzi yiwe iri hafi mu gihugu cose. Wa muvyuro n’ikanguro abantu barindiriye imyaka n’imyaka bagiye kuwubona.
Mu bicaniro vyose mu mihingo yose, mu gihugu hagati Uhoraho Imana yururutse akiza abarwaye, aremurura abaremerewe, yishura imitwaro utandukanye kandi avugana n’Ihanga Ryera ryiwe.
Yaduhaye amabanga menshi kandi ahambaye. Twanditse ibitabo biruzura turabika amajwi menshi y’ubuhanuzi, turahava turatamba turatarika. Amabanga menshi ni ayo kumenywa na beneyo. Mugabo kimwe gusa, uwugomba gukira inkota y’Imana n’areke gusamazwa n’amajambo y’ibinyoma vy’inyererezi AHUNGIRE MURI YESU KRISTO GUSA niho azobona ukugira neza kw’Imana. Uwishinga ubundi bujambo bgo mu madini, amashengero n’utugwi twaba nciyaha ntazogire ngo ntitwamuburiye.
Umwami Yesu yamamare!