Urutonde: Umunsi ugira 3 wo gusozera igikorane c’amasengesho

URUTONDE RW’AMASENGESHO Y’UMUNSI UGIRA 3 KUWA 19-12-21
INTANGA MARARA

Ni umunsi wo gusozera igikorane c’amasengesho tumazemwo uminsi itatu twitanga tutarya kandi tutanywa dusena gusa. Amaganya yose twayashiriye Umwami wacu Yesu Kristo kandi yaruhuye benshi. Uyu mwami w’abami atambuka kumazi, azibiza ingunza, ahaza abashonje, akiza ingwara, avura ubumuga, azura abapfuye, agatanga ubugingo budashira. Ni muri we turonkeramwo ugukira urubanza rwo gupfa, Amen! [Abifilipi 4:6]
URUFATIRO
-Tugiye kuvuza inzamba kandi twihe akamo kuko inganji ya Kristo Yesu yashinzwe ubudakuka mu gihugu cacu kandi twahawe iri sezerano ryintahava ku gihugu no kw’ishengero.
“N’uko za nzamba zivuze, abantu baca biha akamo: Mbere bacumva ijwi ryazo, baciye biha akamo icarimwe, inzitiro zica zihomvokera hasi, abantu baca bararengagira, bitera mu gisagara, umuntu wese aho yaratumbereye barakinesha” [Yosuwa 6:20]
-Iminsi twamye dutanguza amasengesho indirimbo ya 88: Yanyishuriye ya myenda yose n’indirimbo ya 186: Izina ry’Umwami Yesu niryo ryokuremesha, nkuko twabitegetswe.
URUTONDE
Umunsi wo KWIGINA INTSINZI N’UGUSHIMA UHORAHO IMANA YACU. [Gusubiramuvyagezwe 16:34, Zaburi 136: 1-3]
-Ugushima Uhoraho imana yaturinze.
-Amashimwe yuko Uhoraho imana ashikije amasezerano.
-Gushima ugukomvomvoka kw’inzitiro za Yeriko.
-Ugushima yuko Uhoraho Imana igiye kuvumura igihugu cacu.
-Kwigina inganji ya Yesu Kristo mu Gihugu cacu.
-Turaririmba, twivuge amazina, dutambe dutarike.

IBIKORWA
• Kubatiza abihanye.
• Isangira Ryera.
• Turavuza inzamba no kwiha akamo kubgo intsinzi kuri YERIKO.
• Tujane ishikanwa ryacu gufasha abagowe n’abapfunzwe, impfuvyi n’abapfakazi, abagendana ubumuga n’abageze muzabukuru.