
URUTONDE RW’AMASENGESHO N’URUFATIRO RW’UYU MUNSI 17/12/21
Tugiye kuvuza inzamba kandi twihe akamo kuko inganji ya Kristo Yesu yashinzwe ubudakuka mu gihugu cacu c’UBURUNDI kandi twahawe iri sezerano ryintahava. “N’uko za nzamba zivuze, abantu baca biha akamo: Mbere bacumva ijwi ryazo, baciye biha akamo icarimwe, inzitiro zica zihomvokera hasi, abantu baca bararengagira, bitera mu gisagara, umuntu wese aho yaratumbereye barakinesha” [Yosuwa 6:20] Iminsi yose tuzohora dutanguza amasengesho indirimbo ya 88: Yanyishuriye ya myenda yose n’indirimbo ya 186: Izina ry’Umwami Yesu niryo ryokuremesha.
UMUNSI WA MBERE W’AMASENGESHO IGENEKEREZO RYA 17/12/21
Ni umunsi w’UKWIHANA. [Ivyakozwe n’intumwa 3:19, Abaheburayo 12:14] Uyu munsi twigishana inyigisho z’ukwihana neza ubutagisubira inyuma, kwezwa tukavugutirwa, n’ukwama turongorwa na mpwemu Yera.
MU GITONDO: Umuntu wese yibuke, yigaye kandi yihane:
- Ukwihana umuntu wese ku giti ciwe ataco asigaje inyuma.
- Ukwihana kubgo ivyaha vyakozwe n’abana abavyeyi n’imiryango yacu.
- Ukwihana kubgo ivyaha vyakozwe n’Abarundi mu gihugu cacu bikazana umuvumo.
KU MUGOROBA: Dutakambira Uhoraho ngo yumve amarira n’amaborogo y’Abera bari mu gihugu cacu n’abari mu mahanga: - Twiginga Uhoraho ngo arandure igiti cose atateye mw’ishamvu ryiwe.
- Dusambuza inyigisho za anti-Kristo ziri mu gihugu cacu.
- Dusambuza ivyishushanya n’ivy’Imana kandi ari ivya satani mu gihugu.