Igice ca II: Satani n’abambari biwe bafatanywe itonga bariko barigisha ibinyoma kuri TEWOKARASI n’IVYAGEZWE ICUMI.

KURONDERA INYIGISHO NSHASHATwarabonye ibintu bikurubikuru satani akunda guhagararako kugira ngo azimize abizera kandi twasanze ko no mu gihugu cacu yamaze kubizana. Ivyo navyo bikaba ari ukuvuga yuko YESU atari KRISTO kandi yuko BIBILIYA itabaho ahubgo habaho IGITABO C’IVYAGEZWE. Ubu naho reka turabe ingene ivyo binyoma vyisuka mu bantu.Imwe mu nzira inyigisho z’ikinyoma zifata mu kuza […]