Ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye: Ntimusamazwe n’ibibera mu gihugu, dukomeze kuzanira iminyago Yesu Kristo.
IHANGA RYERA RY’IMANA NTIRISAMAZWA RIGUMA KU BIKORWA RYAHAMAGARIWE. Umurwanizi akoresha amayeri menshi, adashoboye ku gukoresha ivyaha, aragusamaza kugira ngo agutuze ntuzobandanye urugendo. Ni ukumwankira ukabandanya ibikorwa wahamagariwe.Nti wibaze yuko ategerezwa gukoresha abandi bawe gusa. Atuma intumwa mu muryango, agakoresha abo mwahorana mu bikorwa vy’Imana kugira ngo bagusamaze. Benshi bakoresha ibintoma abandi bagatanga ingurire n’ibiturire mu […]