Itangazo ry’Ihanga Ryera ry’Imana: Ni mwihane mwezwe kuko ubutigu burageze.

Hariho abantu bumva ivyo ijuru ritangaza bakivugira ngo ivyo niko vyamye na cane cane abanyamadini. Abadashira umutima ku kumenya yuko Uhoraho Imana dusenga yumva, yishura kandi akora nabo bivugira ngo ubgo ni ubusazi canke indoto z’abakizwa. Abo twahorana mu mirimo hanyuma tukabasezerera kubera ubugaba bgabo nabo bagenda barabundabunda babgira inzego z’igihugu mu butegetsi, mu butungane […]