Ukwumva ijambo ry’Imana no kurishira mu ngiro nico abakozi b’Imana batihamagaye bahamagarira abizera bose.

UKWUMVA IJAMBO RY’IMANA NO KURISHIRA MU NGIRO. Ukwumva no gukora nico Umu-Kristo wese ahamagarirwa gukora. Nkuko twama tubivuga, hariho abama bavuga ukugendera ku vyagezwe bakibaza yuko ari ukubivuga ku mutwe canke mu kanwa. Baravuga ngo twe twizera ivyagezwe akama arivyo basomangiza abantu ukamengo nikwo kugororoka. Bari bazi yuko uretse kuvuga n’ivyagezwe, abadayimoni bemera Uhoraho Imana […]