
Nkuko Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo yama abigenza, yirirwa arigisha hanyuma kumugoroba akaja ku musozi kurara arasenga; natwe abana b’Uhoraho Imana turakwiriye kwama dufata umwanya tukaja ku misozi y’amasengesho kwihererana n’Imana yacu. Aho bishoboka.
Intumwa zagiye mu cumba co haruguru munzu kwihererana n’Imana kandi niho Mpwemu Yera yabasanze baruzuzwa batangura kuvuga mu ndimi.
Umuvugishwa n’Imana Mose, yahora aduga ku musozi kuvugana n’Imana kandi ni naho yaherewe ivyagezwe 10 vy’isezerano ry’abantu n’Imana.
Uko uduga hejuru ku musozi urondera Uhoraho Imana, ugenda witunganya kandi wiyeza; ugira akigoro ko mu mubiri n’ako mu mutima uduga ni nako Uhoraho Imana yururuka ava mw’ijuru aza ku gusanganira kugira ngo akwumvirize.
Aba-Kristo twese turakwiriye kwama tuja ku misozi y amasengesho kuja gushima no guhimbaza Imana. Nti twokwama tuduga imisozi tugiye dutwaye ibisabo gusa. Igihe cose dufise amashimwe turakwiriye kwama tuja kumushimira. Amen.