Harageze yuko uwizera wese atwara ubutumwa bgiza bg’umusaraba kadi akaja kuburira abaremwe bose.

                                     Alexis Ndinzemenshi n’abo bari kimwe bari kwamamaza Yesu Kristo

Hariho abantu bama bariko baragwanira mu masengero kubera kuvuga ubutumwa canke bagaterana inkokora ngo bariko bararwanira gushikana abantu ku gakiza. Amasengero ni meza mugabo siho usanga abakeneye kwakira Yesu Kristo kuba Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgabo gusumba abandi bose.

“Baragenda bigisha kw’abantu bakwiriye kwihana” [Mariko 6:12]. Ishengero rya Yesu Kristo ariryo Hanga Ryera ry’Imana ririko rirakwiragira mu misozi n’ibibaya, mu masengero no mu ma barabara ryigisha ubutumwa bgiza bgo kwihana, na cane cane ko isi n’uburundi bgacu yamaze gushika mu bihe bitoroshe.

Abatarumva imburi barazibarirwa, abatarumva uburumwa bgiza barabubarirwa, ndetse n’ababariwe ubutumwa bg’amadini n’ibinyoma bikwiragizwa n’imirwi itandukanye, barabarirwa ukuri kw’ijambo ry’Imana kutamvangiwe n’imigenzo canke amarangamutima y’abantu.

Abo bagwanira ivyicaro mu mashengero, abo bagwanira kwitwa iki canke kiriya mu mazina y’ivyubahiro; abo bagwanira uburongozi bitwaje ngo ni ugukorera Imana bomenye yuko kuzana intama za zimiye kuri Yesu Kristo ari ugusohoka baja mu misozi n’imitumba. Umuntu wese arakwiriye kuja mu kibano ciwe mbere na kure kuja kuvuga ubutumwa bgiza bg’umusaraba wa Yesu Kristo.

Ubutumwa bubohora ntibuvugigwa imbere kuri arutali gusa. Ma masoko, mu nkambi, mu mihana, mu mabarabara, mu bisagara, ku nzira mu kibano eka na kure mu miduga, mu magari ya moshi, mu ndege n’ahandi hose umuntu ageze ashobora kuvuga ubutumwa.

Umwami Yesu Kristo ntiyatumye abigishwa biwe kuja gukora amadini n’amashengero ngo bahezen bicare batsimbatare bayaganze nkuko abiyita abakozi b’Imana babigenza uyu munsi. Yesu yagize ati:” N’uko ni mugende, muhindure amahanga yose abigishwa…” [Matayo 28 :19]

Mw’Ihanga Ryera ry’Imana, twigiriye inama yo kugera ikirenge muca Yesu Kristo, tugakora nkuko intumwa z’Umwami n’Umukiza wacu zakoze kanatsinda nivyo Mpwemu w’Imana anadutegeka utu munsi. Harageze rero yuko umuntu wese, aho aherereye hose aja kuvuga ubutumwa mu mihana, aho bishoboka ukadodora inzu kuyindi, aho bidashoboka ukaja kw’ibarabara ukagira ico ukoze mu kuburira abantu kuko haraho wogira uwo ukijijije. Hariho abumva ishengero bakabona inyubako. Inyubako sico baherako kuko zozo zizosenyuka ariko abantu bazoja mw’ijuru.

Naho abantu bogutwenga, naho abantu bokugaya, naho hogira ugucishamwo ijisho ntugatinye igitsure c’abantu kuko uriko uraharanira igitsibo cawe. N’uyu munsi hari intumwa za satani zigenda zirigisha ngo abo mw’Ihanga Ryera ry’Imana barazimiye, ngo bakora ibi na biriya. Bamwe muribo twarahoranye maze indero iranga abana b’Imana ibananiye baridohora baragwa. Abandi nabo babitumwa n’ishari n’inzigo kuko ari ba nsumirinda. Hariho abagerageje kuja kutubeshera mu butegetsi, babonye inzira zabo zanse ubu bageze mu kugerageza ubgicanyi bakoresheje inzira zose. Uwuhagarikiwe na Yesu Kristo arabandanya urugamba kandi yama ariwe atsinda urugamba. Abo nabo baragowe kuko barahenzwe na satani kandi bagiye kwibonerako.

Tuguma dukora dukorera Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo, ijoro n’umurango. Abo bashaka kudusamaza tukabima amatwi n’amaso kuko dufise uwaduhamagaye akaba n’uwuturwanira. Turakeneye kuzokwakaka nk’uko umuhanuzi Danieli yavyeretswe. “Kandi abagize ubgenge bazokayangana nk’ugukayangana kwo mw’itazanure ry’ijuru, n’abashikanye benshi ku bugororotsi bazokwaka nk’inyenyeri ibihe bitazoshira.” [Danieli 12:3] Ngico rero igitsibo Ihanga Ryera ry’Imana ririko rirakorera. Ngico rero igitsibo abana b’Imana bariko bararondera mu gukwira Uburundi bgose, mu kuja mw’isi yose aho umwe wese aherereye twigisha ukwihana, ukwezwa, ukubatizwa no kwuzuzwa Mpwemu Yera kugira ngo tubashe gukorera Uharaho Imana,Amen.

                                          Umwami Yesu Krsisto yamamare hose!