Imburi y’ishitswa ry’amasezerano ku bana b’Imana.
IMBURI YURURUTSE IVUYSE MW’IJURURU YO KUWA 27/01/2021 Uhoraho Imana yongeye kwururutsa imburi aburira Ihanga ry’Abarundi agira ati: “Barundi, Barundikazi nabatumyeko abavugishwa nanje benshi abo mu Burundi n’abo mu mahanga. Bose baza babahanurira ijambo rivuye k’Uhoraho ngo mwihane, muhindukirire inzira z’Uhoraho, ari mwabateye akagere. Barababuriye inkota y’Uhoraho kandi n’ubu bakiriko ariko mwagamitse izosi ngo muzobibara […]