Ijambo ry’Imana tubiba iminsi yose ntirigenda imvumure. Benshi barabohoka, bagakira n’abandi bakabatizwa bakaba abakozi b’Uhoraho.
UMUBATIZO W’ABANA B’IMANA MU GIHUGU NO MU MAKUNGU. Hariho kuva kera ababona twitangira umurimo w’Imana ijoro n’umurango bakinaza ngo turiko turata umwanya. Hariho n’abibaza yuko hari inyungu z’amafaranga turondera mu murimo w’Imana nkuko bamwe ariko babigenza. Ariko turafise inyungu turondera kuko ni iminyago tuzoshikanira Yesu Kristo.Tumaze imyaka myinshi tuvuga ubutumwa bgiza bga Yesu Kristo kandi […]