Mugendane ubgenge kandi mwirinde abashumba b’inyererezi.

Nivyo ukuri nkuko Bibiliya ibitubgira, umukozi wese arabereye impembo kandi abakozi b’Imana barakwiriye guhembga no kwubahwa kuko bakora igikorwa c’iteka kandi bagakorera nyene icubahiro cose.Ariko rero hariho abakozi bihamagaye mu murimo n’abandi bawugize urudandanzwa. Abo bagize umurimo w’Imana umurima wo gusoroma baragisibije. Hariho abadashaka gukora bagashaka kugenda barasoroma gusa. Bakubgira ngo zana amahera ndagusengere, zana […]