Intahe ya Jeanette Ndihokubgayo.

INTAHE YA JEANETTE NDIHOKUBGAYO

Uwo mukenyezi Jeanette aba mu gihugu ca Australia yakiriye ubutumwa bgiza buca kuri Radio Isezerano Internationale, birakunda arahinduka arakizwa neza ubu akaba ashimira intahe. Yarabonye Umumarayika w’Imana amuzaniye Bibiliya Yera amubgira ati uzosome iri jambo ry’Imana kuva ku ntango gushika ku mpera yaryo. Uyu munsi yarateye intambge gushika naho abatizwa muri Mpwemu Yera.
Mu ntahe yiwe aravuga yuko kubera yari umukatolika, atemera ubutumwa bg’irindi shengero kuko nk’abandi bose basengera muri kiliziya katolika bibaza yuko bari mukuri kandi atariko biri. Muntu ukiboshwe n’ibishusho, amashapule n’iyindi migirwa y’amadini, uragabishijwe kuko Umwami Yesu Kristo ari kurugi. Ntaco uzireguza kuko iryo dini canke ishengero ryawe siryo rizokujana mw’ijuru. Izojanwa mw’ijuru n’uko wizeye Yesu Kristo akaba Umwami n’Umukiza wawe, ukihana ivyaha vyawe ugahinduka, ukabatizwa mu mazi no muri Mpwemu maze ugakorera Imana. Ufise ico usiguza twandikire aho uri hose, Ihanga Ryera ry’Imana riragushikako.