Umuntu muzomumenyera ku bikorwa vyiwe arivyo yama.

Abantu benshi barakunda ijambo ry’Imana naho hariho abaritahutahura ugutandukanye. Hariho n’abandi bama mu mayirabiri bariko baraharira ku majambo y’Imana kuko bibazako aribo bonyene bazi ukuri. Uwuzi ukuri ntaharira kuko aba afise ihishurirwa riva k’Uhoraho Imana. Abana b’Imana ntibama mu mpari kuko impari ni izo abatwara ivyo Impwemu mu mubiri.
Hariho n’abaguye kuko babuze ukuri bisunga kuko babona abitwa abakozi b’Imana ataho bataniye n’abapagani. Abandi nabo muvyo Imana ntaco babibonamwo ciharije kuko n’abanyengabire bakora ivyaha nk’abandi. Ibanga n’uko hari abo Uhoraho Imana yataye kubera ivyaha vyabo mugabo bakaguma berekwa, bavugishwa, baririmba kandi bavuga ubutumwa. Umuntu wese uzomubarirwa n’ibikorwa vyiwe.