Abantu benshi barajuragizwa n’inyigisho z’ivyiyumviro vy’abandi ntibatahe icarico ICAGEZWE c’Imana.
Abantu benshi ntibazi ivyagezwe ivyarivyo. Bamwe bafata ya majambo icumi Uhoraho Imana yahaye Mose [Kuvayo 20:1-17], abandi nabo bafata ivyo vyagezwe icumi bakavyongerako imico n’imigenzo irenga 612 y’ubgoko bgabayuda bakavuga yuko arivyo vyagezwe vy’Imana vyo kwubahirizwa.Ico badashikako n’uko Imana ibariye Mose kubgira urutare ngo rusese amazi mu bugaragwa maze akarukubita vyamubereye icaha [Guharura 20:11] canke […]