Yesu Kristo niwe adusengera kugira ngo dukire urupfu kuko inkota y’Imana yururutse
ABAKRISTO MUGARUKANE IGITINYIRO C’UHORAHO IMANA MU BANTU Abantu babayeho barihebeye Imana, iyo bariko baravuga ivyerekeye urupfu, bavuga yuko urupfu ari irembo ry’ijuru. Baba bariko bararemesha abasigaye canke bariko barabgira abakiriho yuko atawotinya urupfu kuko ariyo nzira yo kuja kubana n’Imana. Ariko bibiliya iratubgira neza yuko hariho abantu bagiye mw’ijuru kubana n’Imana badaciye mu rupfu. […]