Umwungere Samuel BAYUBAHE ati: »Uhoraho Imana agendana n’abejewe. Ni mwihane, mwitunganye kandi mwezwe ntimuranduke »
UMWUNGERE SAMUEL BAYUBAHE Umwungere Samweli BAYUBAHE ni umuvugabutumwa atuye mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi, akaba amaze gushikana amasinzi y’abantu ku gakiza. Abumviriza inyigisho ziwe no gusegera imitwaro itandukanye benshi barakize kandi bakadushingira intahe. Nta ndwara n’imwe itarakira kubgo amasengesho yiwe. Tugomvye kubashikiriza intahe nti mworonka aho muzikwiza. Mu nyigisho ziwe, ntazi gukebera icaha. […]